Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 02 Rusama 2024

Publié le 2 mai 2024 par Rédaction
https://kir.inzamba.org/wp-content/uploads/2024/05/AUD-20240502-WA0087.mp3?_=1
  1. Ano makuru tuyahere mugisata c’intwaro ibereye. Abakozi batari bake baraturubikwa bakaburabuzwa n’abakoresha babo iyo bagerageje kudoma urutoki ku bitagenda neza ku kazi . Ivyo bivugwa n’urunani rw’amasendika y’abakozi COSYBU. Kubw’uworongoye urwo runani Celestin Nsavyimana, ivyo ngo vyerekanako ahatari hake ata biganiro biriho hagati y’abakozi n’abakoresha . Mw’ijambo aherutse gushikiriza abarundi igihe amakungu yahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye wewe, yari yemejeko uwo musi uhimbajwe mu Burundi mu gihe leta , abakozi n’abakoresha bama baganiriye mu mwumvikano. Iyo nkuru tuyibaze pierre Gahungu.
  2. Tukiri muri ico gisata kijanye n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, imvugo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu  mw’ijambo  ryari rijanye nuyo munsi n’iy’agashinyaguro. Ivyo binegurwa n’umugambwe UPD Zigamibanga. Chauvineau Mugwengezo awurongoye akaba abivuze inyuma y’aho mw’ijambo ryiwe ryo guhimbaza umusi mpuzamakungu wagenewe akazi, Evariste Ndayishimiye yemeje ko ibintu mu Burundi vyifashe neza, utanguriye ku mwimbu w’umusesekara. Chauvineau Mugwengezo agatangazwa n’iyo mvugo mu gihe ubu bisa n’uko ata kintu na kimwe kikirangwa mu gihugu.
  3. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, ngo iyo mvugo ya Evariste Ndayishimiye yerekana ko Uburundi ata mukuru w’igihugu bugifise. Ati umuntu yatumye ibintu vyose biyangara kandi akigira sindabibazwa, akwiye kuva mur’ico kibanza, biciye mu matora. Dusubire tumukurikire.
  4. Inyuma y’iryo himbazwa ry’umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, ishirahamwe Parcem  rivuga ko ritewe umutima uhagaze n,ingene ubushomeri buguma bw,iyongera mugihugu.  Ubwo nabwo bukaza bw,iyongera kubibazo vy,amashirahamwe ya leta muri kino gihe agoyagoya.  Faustin Ndikumana umuyobozi w’ishirahamwe Parcem abona ko leta yari ikwiye kureka kwivanga mubikorwa bimwe bimwe vyagenewe abikorera utwabo  ikongera ikorohereza abarwizatunga bazanye imitahe yabo mugihugu. Gurtyo ubushomeri bwogabanuka kuko baheza bagatanga akazi.  Ishirahamwe Parcem rihanura leta  kurondera uburyo bwo kurwiza ibikorwa bitanga akazi kubanyagihugu bato bato muntumbero yo kurwanya ubushomeri.
  1. Hari umwigisha ariko araterwa ubwoba na zimwe mundongozi za CNDD-FDD muri commune Makamba. Izo ndongozi za CNDD-FDD harimwo umushingamateka Zaché Misago arongoye CNDD-FDD muri commune nshasha ya Makamba zagiriza Gordien Nintunze kubuza abanyeshure yigisha kuja kwinjira uwo mugambwe mugihe yariko arabigisha kumunsi wa Gatandatu w’indwi yaraye irangiye.

Ibindi bisa n'ibi

Quitter la version mobile