Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 06 Rusama 2024

Publié le 6 mai 2024 par Rédaction
https://kir.inzamba.org/wp-content/uploads/2024/05/AUD-20240506-WA0070.mp3?_=1

 

  1. Abasirikare b’abarundi barenga 50 nibo baharurwa mu boba barasize ubuzima mu ntambara zimaze indwi ziriko zibera mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko mu gihugu ca republica iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abandi basirikare b’Uburundi hafi cumi baragizwe imbohe n’umuhari M23. Amakuru atangwa n’abasirikare avuga kandi ko hari abasanzaye kuko mu guhunga bagiye isabisabi.
  2. Umuntu umwe yaraye yitavye Imana abandi indwi nabo barakomereka mu gitero c’ama grenade yaraye atewe mu bunywero bubiri buri muri zone Kamenge kw’ibarabara rya 6 muri quartrier Gikizi ni mu gisagara ca Bujumbura, hari nk’igihe ci’saha zibiri zijoro. Amakuru dukura muri zone kamenge avuga ko abakomeretse baciye bajanwa kwa muganga. Ayo makuru nyene akavuga ko igitigiri c’abakomeretse murico gitero c’abagizi ba nabi bataramenyekana, coba kirenga kuko murubwo bunywero harimwo abantu benshi. Murubwo bunywero bwatewe hari grenade yatowe n’abajejwe umutekano ariko itari bwaturike. Gushika kuruyu wambere nta makuru yari bwatangwe n’abajejwe ubushikiranganji bw’umutekano kugira hamenyekane abakoze ico gitero.
  3. Abantu bagera kuri 48 nibo bamenyekanye ko bishwe murabo 28 bakaba baratowe ibiziga mu kwezi kwa kane guheze. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo cashizwe ahabona n’umuhari iteka. Kubw’uyo muhari, abakekwa gukora ubwo bwicanyi ngo ni bamwe mu nzego z’umutekano, abakozi b’iperereza n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD.
  4. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo muri komine ya Giharo mu ntara ya Rutana barimira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Bidogera abajejwe intwaro bababuza kwinjiza mu Burundi umwimbu w’ibigori bakuye muri ico gihugu ca Tanzaniya urenga itoni. Bavugako iyo ngingo ariyagacinyizo, bagasaba ko yosubigwamwo ku neza y’imiryango yabo.
  5. Mu Burundi ngo nta Ebola ihari. Ivyo bishikizwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Lidwine Baradahana abivuze ahumuriza inyuma y’ivyo yita ibihuha vyari bimaze imisi vyadikwa ku mbuga ngurukana bumenyi inyuma y’urupfu rw’umwana yariko avurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge i Bujumbura. Umushkiranganji ariko akamenyesha ko ibipimo vyafashwe kur’uwo mwana biriko birasuzumwa.
  6. Mu makuru y’inkino, imiliyoni zirenga 100 z’amarundi niyo mafaranga inzego nshasha zirongoye ishirahamwe rya Basket ball mu Burundi zemeza ko yibwe na comité yahora irongowe na Jean Paul MANIRAKIZA. Ivyo vyashikirijwe ku munsi wa gatandatu mu nama yo gushiraho inzego nshasha zirongowe uno munsi Claver HACIMANA yahora ari icegera ca Jean Paul MANIRAKIZA. Mu mupira w’amaguru naho ihiganwa ryaraye rirangiye. Muri volley Ball, inkino zo gusubiza mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu zigeze mu gice ca kabiri gishira icanyuma.

 

 

 

 

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi

Quitter la version mobile