I. Sentare Ntahinyuzwa ihejeje gucira igihano co gupfungwa imyaka ibiri, mu gateganyo k’imyaka itanu, n’ihadabu ry’amafaranga 50.000FBU, umukenguzamateka Gahungu Gédéon. Yari yagirijwe n’umushikirizamanza mukuru icaha co gushaka kugandagura umukenyezi wiwe Kamikazi Pélagie, hamwe n’icaha co kurenza umuvuduko mu kunyonga imodoka, mu gihe yariko arahunga, bigatuma hakomereka abantu, n’ibintu bikononekara, aho hari itariki 7 Kigarama. Muri uwo muvuduko, akaba yakomerekeje abantu 10 ; imodoka 6, amakinga 5, bajaj 3 n’ama moto 4 birahononekarira.
II. Leta y’Uburundi iherutse gutsinda urubanza ruyihuza n’amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya politike, muri sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Ayo mashirahamwe akaba yari yarafuswe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yagirizwa ko yagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu. Ayo mashirahamwe ngo agiye kuzokwunguruza.
III. Muri kino gihe, abenshi mu bavyeyi bariko baritegura guhimbaza iminsi mikuru isozera umwaka w’ 2019. Urunani rw’ abaserukira impunzi mu ntara zitandukanye mu gihugu c’u Rwanda ruratera akamo abarundi n’abandi bose bafise umutima wo gufasha, kwibuka ko hari abana b’impunzi batagira ikibafasha na cane cane mu bijanye n’uburyo bwo kwiga amashure. Urunani CREB mw’ ikete rwasohoye rumenyesha ko mu matohoza rwakoze, urwaruka rwababa igihumbi n’amajana atanu (1500) arirwo rukeneye gufashwa kugira rushobore kubandanya amashure, muri uyu mwaka w’ishure w’ 2020.
IV. Abaherutse kwemererwa akazi k’ubwigisha mu gisagara ca Bujumbura bavugako babwiwe na bamwe mu bakozi b’ibiro vy’ubuyobozi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura, ko 12 muri bo batari mu bagiye kuronswa akazi. Babwiwe ko ijambo « retenus » basanze imbere y’amazina yabo ngo ryoba ryanditswe n’inyabwonko mu kwihenda. Ivyo bikaba vyatumye bagira umutima uhagaze, kuko biyumvira ko bagiye kuburumanga kandi bari biteze gusomera.
V. Ibikorwa vy’ishirahamwe ryitwa BURUNDI LEADERSHIP TRAINING PROGRAM biherutse guhagarikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Pascal Barandagiye yagiriza iryo shirahamwe kuba yavuze amajambo atari meza mu nama yatunganije mu ntara ya Muramvya, ku magenekerezo ya 24 gushika 29 Munyonyo 2019. Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta ruriyamiriza ifutwa ry’iryo shirahamwe. Urwo runani runegura ingene Leta y’Uburundi yama iriko iratoteza amashirahamwe yigisha ivyerekeye intwaro ibereye; iterambere n’agateka ka zina muntu. Jéremie Minani n’umugizi w’urunani CFOR- ARUSHA.
VI. Ihiganwa rya CECAFA rihuza imigwi nserukira bihugu mu mupira w’amaguru, kuri uno wa kane, niho ryasozerwa ritwawe n’igihugu ca Ouganda gitsinze Erythrée, ibitsindo bitatu ku busa. Ikibanza ca gatatu catwawe na Kenya itsinze Tanzaniya ibitsindo bibiri kuri kimwe. Tubibutse ko Uburundi bwari bwitabiriye iryo higanwa, burivamwo ata nota na rimwe buronse.