Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/03/2021

Publié le 23 mars 2021 par Rédaction
I. Umukenyezi azwi kw’izina rya Paulina Mukandori w’imyaka 45 yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri. Uwo mukenyezi akaba yaba ku mutumba Kinyinya wa komine n’intara ya Kirundo. Nk’uko bivugwa n’umwe mu baba kuri uyo mutumba, urupfu rw’uyo mukenyezi yasanzwe mu nzu yapfuye, rwateye amakenga ababanyi kuko yaheruka gutsindira itongo yapfa n’abo bavukana.
II. Ikiziga c’umukenyezi w’imyaka 50 azwi kw’izina rya Hatungimana Honorate  caratowe ku murango wo kuri uno wa mbere mu gitara c’ibiti kiri ku mutumba wa  Nzove, Zone Masaka, ni muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Amakuru dukura kuri uyo mutumba atumenyesha ko uyo mupfasoni ashobora kuba yishwe anizwe n’umugozi, kuko basanze afise inkovu mw’izosi. Ayo makuru akavuga kandi ko ata ngorane yarasanzwe afitaniye n’ababanyi biwe. Abantu batatu bakaba bafashwe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
III. Ubutegetsi bw’Uburundi bubandanya buhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu aho hari n’abakwa ubuzima. Niko bibonwa n’urunani CAVIB mu gihe hibukwa uno munsi imyaka 45 iheze hashizwe mu ngiro amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Kur’uyu munsi, umushingwamanza Gustave Niyonzima icegera c’uwurongoye iryo huriro ry’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi mu Burundi, ahimiriza abarundi kubandanya bashira ahabona amabi bakorerwa, agasaba kandi na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kwihutisha amatohoza, kugira ifashe mu kurwanya ukudahana kw’abakora ayo mabi.
IV. Abantu batandatu nibo bamaze guhitanwa n’ikiza c’umugera wa corona mu Burundi. Abarwayi 192 nibo bari ku miti yo kurwanya ico kiza mu Burundi kuva cibonekeje, haraciye umwaka. Ivyo biharuro vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umugwi ukurikirana ku musi ku musi uko ico kiza c’umugera wa corona mu Burundi cifashe. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana, icegera c’uwurongoye uyo mugwi,   amenyeshako hataragera ko Uburundi bufata ingingo yo kugerageza incanco.
V. Leta ya Evariste Ndayishimiye ikwiye nyabuna gufata ingingo ruhasha zikingira abarundi uwo mugera wa Covid-19 kuko bimaze kugaragara ko uhitana abatari bake, ariko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bukabifata minenegwe. Uko niko bisigurwa na Dr Jean Minani yigeze kurongora ubwo bushikiranganji, avuga ko ibintu bibandanije uko biri ubu, abarundi bashobora kuhasiga ubuzima ari benshi.
VI. Kugira hakingwe impanuka ziturutse ku masanganya ajanye n’umuyagankuba mu gihe c’imvura, ishirahamwe ritanga umuyagankuba REGIDESO ryari rikwiye guhindura canke rikanagura ibijanye n’ingene rikwiragiza umuyagankuba.  Bivugwa na Albert Nsengiyumva, umushakashatsi muri kaminuza ya Liège mu Bubiligi, mu gisata c’amasoko ntanga nguvu. Ni mu gihe kuri uyu wa Mungu imvura yaguye ituma hahenuka ibiti vy’amatara, bihitana n’ubuzima bw’umwigeme mu gisagara ca Bujumbura. Albert Nsengiyumva, agatanga akarorero nk’ugucisha umuyagankuba mu kuzimu, bidakunze naho ibikoresho bihari bakabijanisha n’ubuhinga bwo gukinga impanuka z’umuyagankuba bugezweho.
VII. Urukino ruzohuza Uburundi na Centrafrique ruzoba kuri uno wa gatanu, Uburundi buriteguriye kurutsinda kugira bazoje mu gihugu ca Maroc mu rukino rwa nyuma rwo kurondera imigwi izitabira igikombe ca Afrika, bari mu kibanza ca kabiri. Bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Yamenyesheje ko ku kibuga hazinjira abantu 5000 kugira bubahirize amategeko yo kurwanya ikiza ca Covid-19.

Ibindi bisa n'ibi