Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/11/2020

Publié le 10 novembre 2020 par Rédaction
I. Bamwe mu banyororo bo mw’ibohero rya Mpimba baratabariza uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino, ko yahohotewe mu gatondo k’uno wa kabiri, ashirwa mu kumba bita ikosorero. Aho ni mu gihe yarariko yumviriza ibibazo vy’umwe muri bagenziwe, yariko amwiganira akarenganyo yoba yarakorewe. Pacifique Nininahazwe, ari mu baharanira agateka ka muntu asigura ko uwo mushingamateka abandanya kuzira ubutwari bwiwe, agasaba ko nyabuna yokingirwa kuko n’amagara yiwe asanzwe atifashe neza. Pacifique Nininahazwe
II. Ishirahamwe ACAT-Burundi rirababazwa n’ukubona urubanza rw’uwahoze ari umukozi waryo Germain RUKUKI rufata umwanya muremure. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude NTIBURUMUNSI, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe. Ku bwiwe ngo kubona urubanza rufata umwanya ungana gutyo, ngo nta gateka biha ubutungane bw’igihugu. ACAT-Burundi isaba uwujejwe sentare isubiramwo  imanza ya Ntahangwa, gukurikirana urwo rubanza. Germain RUKUKI akaba apfunzwe haraheze imyaka irenga ibiri, yagirizwa kugumuka n’ukwifadikanya n’imigwi irwanya igihugu.
III. Abamenyashamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana barakwije imisi 386 bafungiwe mu ntara ya Bubanza. Bafashwe kuwa 22 Gitugutu, umwaka wa 2019 i Bubanza, aho bari bagiye kurondera amakuru y’ibitero vyari vyabereye i Musigati, muri iyo ntara nyene. Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu co kimwe n’ay’abamenyeshamakuru, ntasiba gusaba irekurwa ryabo, kuko ata kindi bazira atari gukora umwuga wabo.
IV. Haraheze imyaka 3, ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha bimenyesheje ku mugaragaro, ko hatangujwe amatohoza ku mabi ariko arakorwa mu Burundi kuva 2015. Abashingwamanza bakwirikiranira hafi ama dosiye yabo, barabaremesha ko ata na kimwe catakaye mu vyo babashikirije, ahubwo ko abakora ayo matohoza bakoreye mu ngorane nyinshi kuko Leta y’uburundi itemeye ko bashika mu Burundi. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arasaba ariko iyo sentare kuja ku yindi ntambwe yo gusohora imitahe kubagirizwa ayo mabi.
V. Abanyagihugu  bo  muri  komine Nyabihanga mu ntara  ya  Mwaro, baridogera  uwurongoye  iyo komine ku ngingo yafashe yo kwugaza ubunywero, kuva igihe c’isaha zitatu, n’uko ata pikipiki zitwara abantu zisubira kugendagenda iyo saha. Mu bijanye n’amategeko, ngo nta kosa ririmwo mu gihe uwo arongoye komine Nyabihanga aba yabikoze yisunze amategeko amuha ububasha bwo gufata ingingo iyo ari yo yose, ijanye n’itunganywa ry’ ikomine yiwe, na cane cane mu nyungu z’umutekano w’ikomine ajejwe. Ivyo bisigurwa n’umushingwamanza Yves RUNYAGU.
VI. Kuri uno wa gatatu niho i Nouakchott Uburundi buzotana mu mitwe na Mauritaniya, isaha 10 mu masaha y’Uburundi. Uburundi butegerezwa gutsinda izo nkino zibiri bwimirije kugira icizere co kuja mu nkino za Africa kihagume, igikorwa kitoroshe ku mugwi wa Mauritaniya uhagaze neza muri kino gihe.

 

Ibindi bisa n'ibi