Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/11/2020

Publié le 28 novembre 2020 par Rédaction
I. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mtendeli ziratewe umutima uhagaze n’ibiherutse kuvugwa na leta ya Tanzania, ko impunzi zose z’abarundi badashaka gutaha, bazokwimurirwa mw’ikambi imwe gusa ya Nduta, kuva mu ntango z’uwu mwaka ugiye gutangura. Ibitakiriwe neza na bamwe mu bari basanzwe baba mu yandi makambi nka Mtendeli, bakabonako biri muri wa mugambi wa leta ya Tanzania wo gushaka kubatahukana ku nguvu. Bamwe muri izo mpunzi bavuganye na radio Inzamba.
II. Mw’ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi CBDH-VICAR ribona ko ivyo biri mu rukurikirane rw’amabi akorerwa impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, avuga ko uko gushira hamwe impunzi biri mu migambi yo gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu, agasaba ishirahamwe HCR ryitaho impunzi gukurikirana agateka k’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya.
III. Ikibanza c’ishirahamwe Jamaa gifitiye akamaro ntangere urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, kuko gihuriramwo abinonora imitsi, abimenyereza mu nkino z’umupira w’amaguru, w’amaboko, be n’abahasengera. Umwe mu rwaruka rwarukiye muri ico kibanza, avuga ko koba ari agahombo kanini ku gihugu, mu gihe ico kibanza codandazwa ntigisubire kuba ihuriro ry’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura.
IV. Abajejwe intwaro barafise uburenganzira bwo gufata ingingo mu ntumbero yo gukingira umutekano w’abo batwara. Bishikirizwa na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano. Amenyesha ariko ko bategerezwa kuraba ko ata mategeko bahonyanze. Ni mu gihe hari abajejwe intwaro nka musitanteri wa Komini Ruhororo, yafashe ingingo ibuza abakenyezi kwidegemvya inyuma ya sambiri z’ijoro.
V. Mu ntara ya Makamba, imyidogo ni myinshi mu badandaza ibikoresho vyo kwubaka hamwe n’abariko barubaka amazu. Bagasaba ko ingingo yo kubuza icuruzwa ry’utumwanya dukoreshwa mu kwubaka, yoba irabangira, mu kurindira ko haboneka ivyosubirira utwo tumwanya.
VI. Ikigabane Kw’isôko c’uno musi gishimikira ku kibazo c’ugutorana kw’umukenyezi mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi