I. Abanywanyi b’umugambwe CNL, muri komine Ntega y’intara ya Kirundo, barageramiwe n’agatotezo bakorerwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, bamwe mu bajejwe intwaro n’abajejwe umutekano. Barapfungwa, abandi bagakubitwa bene kubakubita bagana n’akabando. Muri iyi ndwi turiko turasozera, abanywanyi babiri nibo bahungabanirijwe agateka muri iyo komine, umwe arapfunzwe, uwundi nawe barakubise basiga ari intere.
II. Abanywanyi ba CNL bo muri zone Mugera, iri muri komine Bugendana, baridogera abanywanyi b’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, bo muri iyo zone ko bagerageje kubadurumbanya mu gihe hariko harugururwa ingoro y’umugambwe CNL ku mutumba Rushanga. Bakavuga ko bagumye hafi y’ahugururwa iyo ngoro, igihe bavyina mu ntumbero yo kubasotora. Bakagiriza umukuru wa zone Mugera kuba yabibonye ariko ntihagire ico akora, kugira ngo ababuze.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakozi b’ishirahamwe Total Cleaning Services TCS mu mpfunyapfunyo. Bidogera ubuyobozi bw’iryo shirahamwe, kuko bubasinyisha contrat y’amezi atatu gusa, kandi bamwe ngo ntibabatangire amafranga yo kuziganiriza kazoza muri INSS. Abo bakozi basaba ko amategeko yokwubahirizwa, bagafatwa nk’abandi bakozi, umvirize umwe muri abo bakozi.
IV. Urunani rw’aBarundi baharanira agateka ka zina muntu CBDH-VICAR, rusaba amakungu guhagurukira igihugu ca Tanzania, mu kukibuza kugandagura impunzi z’aBarundi bahungiye muri ico gihugu. Ni mu gihe bimaze kugaragara ko abarenga batanu bishwe bari mu minwe y’igipolisi c’ico gihugu. Urwo runani rukavuga rubabazwa n’ingene bicwa batabanje kurengutswa imbere y’ubutungane kandi igihugu ca Tanzania carasinye amasezerano mpuzamakungu araba impunzi. Umvirize Léopold Sharambere n’icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR