I. Abigisha bo mu mice itandukanye y’u Burundi, bariyamiriza uko bariko bashirwa muri syndicat COSESONA kandi batasavye kuyinjiramwo. Mu nama yabaye kuri uwu w’Imana mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Rumonge, abigisha basaba kuva muri urwo runani bavuga ko rwashinzwe hadakurikijwe amategeko, narirya basanzwe bafise ayandi ma sendika barimwo. Banegura kandi ingene iyo sendika irongorwa na bamwe mu bakoresha, ibiteye kubiri n’amategeko.
II. Urubanza rwa ba bamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu be n’umuchoferi yari abunguruje, rwashashe icese ku ncuro ya mbere muri sentare nkuru ya Bubanza, Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira reta yasabiye abo bamenyeshamakuru, abagiriza gukorana n’aba reberi mu gitero cabaye kw’igenekerezo rya 22 z’ukwezi kw’icumi guheze. Sentare yahavuye ishira urubanza mu mwiherero.
III. Umushingwamanza Clement Letirakiza aburanira abo ba menyeshamakuru bo mu kinyamakuru Iwacu avuga ko aravye uko urubanza rwagenze yizera ko sentare izobambika.
IV. Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abarundi UBJ, ririyamiriza ivyasabwe n’abaserukira leta muri urwo rubanza bijanye no gufunga abo bamenyeshamakuru imyaka 15, hanyuma ibikoresho vyabo vy’akazi bigafatwa. Alexandre Niyungeko arongoye iryo shirahamwe, abonako ingendo y’abo baserukira leta iteye isoni. Ku bwiwe ; abo bamenyeshamakuru bari bakwiye gufungurwa kuko ataco bazira.
V. Igikorwa co kwandika abazotora mu matora yimirije yo mu 2020 cararangiye, vyashikirijwe na Pierre Claver Kazihise arongoye umurwi w’iguhugu ujejwe amatora CENI, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, kubijanye n’aho ico gikorwa kigeze. Abarenga gatoyi 5.000.000 bakaba bariyandikishije.
VI. Abanyagihugu bateshejwe izabo kubera umwuzurira watewe n’amazi y’imvura mu ma quartiers ya Uwinterekwa na Nyabagere yo muri zone gihosha, ya komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura baridoga ko batagira ic’epfo ca ruguru aho bahungishirijwe, kw’ishure nshingiro rya Nyabagere. Muri abo, harimwo kandi abarokotse bahungiye mu mihana y’ababanyi. Leta iremeza ko imfashanyo zimaze gutangwa zidakwiye, ariko kandi ikaba iticaye iriko iraraba icokorwa kugira haboneke inyishu irama kur’iyo miryango.