Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/12/2019

Publié le 31 décembre 2019 par Rédaction

I. Petero Nkurunziza arashimira urwego rw’ubucamanza kuko rwakoze neza, yabishikirije kuri uyu wa kabiri mw’ijambo ryiwe ryo kwifuriza umwaka abarundi. Ariko rero bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe si uko babibona, bo bamenyesha ko urwo rwego rw’ubutungane arukoresha ukwo ashatse, mu kuzivya no gukandamiza abo batavuga rumwe.

II. Umugabo w’imyaka yababa 30 azwi kw’izina rya Elias batazira Musafiri wo ku musozi Kinzobe, zone Kabuye na komine n’intara ya Kayanza, yasandavye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri agonzwe n’ikimodoka kinini co mu bwoko bwa Scania. Inkuru zavuye aho habereye isanganya, zimenyesha ko uwo mugabo yari ashoye ibitunguru mw’isoko y’i Ngozi abitwaye kw’ikinga. Ageze ahitwa Kumuvumu muri zone Kabuye, ni ho yahura n’ico kiduga gica ki mucako hejuru. Aca arasandaba. Umudereva w’ico kimodoka yaciye atungwa n’ayo yameze, asiga ngaho imodokari yari atwaye  ku gutinya kugirirwa nabi n’abanyagihugu.

III. Abantu bagera kuri 6 barishwe, 2 barafatwa ku nguvu, umwe aranyuruzwa, 5 nabo bafungwa bidaciye mu mategeko, nkuko bivugwa mu cegeranyo c’umuhari Iteka, co kuva kuwa 23 Kigarama gushika kuwa 29. Andrée Nsabimana ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka akavuga ko aha nini imbonerakure, abakozi b’iperereza, abapolisi batungwa agatoki muri iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu.

IV. Haribonekeza ubukene bw’amazi mu ma quartiers atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura, biturutse ku mvura nyinshi ivanze n’inkukura, yatumye imiringoti itwara amazi mu bikono ashikiramwo, iziba. Umuyobozi ajejwe igisata c’amazi muri Regideso, Fabrice Nkurunziza niwe yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere. Yagiriyeko amenyesha ko bagiye kuza barakuranwa mu gutanga amazi mu ma quartiers kugirango ntihagire abamara iminsi bataronse.

V. Abanyagihugu bo kumitumba itari mike yo muri komine Musongati, mu ntara ya Rutana, bari mu kangaratete kubera imvura ivanze n’urubura yaguye ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere. Imirima be n’amazu bikaba vyarononekaye cane, Musitanteri wa komine Musongati asaba abagiraneza kuza kubagarukirako.

VI. Abanyagihugu bari mu Burundi na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura, baraye baronkejwe uruhusha rwo guhimbaza umwaka mushasha gushika buce. Bavuga ko batabona ko bihava bikunda ko bahimbaza umwaka mushasha neza mugihe hibonekeza ubukene budasanzwe bw’ibinyobwa vya Brarudi. Basaba ko hoba akigoro kadasanzwe kugira ivyo binyobwa biboneke ata nkomanzi muri ibi bihe vy’imisi mikuru isozera umwaka.

VII. Kuri ubwo bukene bw’ibinyobwa vya Brarudi, mw’ishirahamwe OLUCOME babona ko biva ku bukene bw’amafaranga y’agaciro buri mu gihugu, butasize inyuma iryo shirahamwe. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe, asigura ko umuti ari uko icuka ca Politique cohinduka kugira amafaranga y’agaciro asubire kuboneka mu gihugu.

Ibindi bisa n'ibi