I. Egide Nahayo, umucamanza muri sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Bujumbura, yarengutse kuri uyu wa gatanu imbere ya Parquet nkuru ikukira sentare ntahinyuzwa. Umushikirizamanza amwagiriza gucafuza umukuru w’igihugu n’ubushikiranganji bw’ubutungane. Egide Nahayo, yifotoje yicaye ku ntebe yari yicaweko n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri Kigarama 2018, mu nama yagiranye n’urwego rukuru rw’abacamanza muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi. Umushingwamanza Gordien Nduwimana amuburanira, amenyeshako urwo rubanza rutariko rurakurikiza amategeko.
II. Abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, Egide HARERIMANA, Agnès NDIRUBUSA, Christine KAMIKAZI na Thérence MPOZENZI bafunzwe bagirizwa kwifatikanya n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Bafashwe italiki 22 Gitugutu umwaka uheze, bagiye muri komine Musigati, intara ya Bubanza, ahariko habera ingwano hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano.
III. Abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Ryansoro, intara ya Gitega, baragiriza uwurongoye iyo komine kuburabuza abapangishije amazu yabo ku mugambwe CNL, amazu yagizwe ingoro z’uwo mugambwe. Yagirizwa kandi kubuza amanama ya CNL abera ku mitumba imwe imwe ya komine Ryansoro nka Mahwa na Kampezi.
IV. Mw’ijambo ryo kwifuriza abarundi umwaka mushasha, Petero Nkurunziza yaravuze ko ashimishwa n’ibirwanisho vyakuwe mu gihugu mu mwaka wose uheze w’2019. Ariko urunani rujejwe kurwanya igwirirana ry’ibirwanisho bito bito ruvugako ivyakuwe mu gihugu ari bike cane, bagereranije n’amakuru bafise. Urwo runani rusaba reta gushiraho icuka ciza kugira abafise ibirwanisho babitange kugushaka kwabo.
V. Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi z’abarundi, ruriyamiriza inama iherutse kugirishwa abarongoye ama zones mw’ikambi y’i Nduta, muri Tanzaniya, aho bahimirijwe kwigisha abarundi ngo batahe mugihugu cabo. Iyo nama ikaba yagirishijwe n’umunyamabanga w’akarere ka Africa y’ubuseruko hamwe n’umunyambanga w’ubushikiranganji bwa Tanzania bw’imigenderanire. Kubwa Leopold Nsharangabo, arongoye urwo runani, ntaho vyakabaye ko impunzi ishima kwama yitwa impunzi, ati kuba zikiri mu makambi y’impunzi n’uko ico zahunze kikiriho. Agasaba Leta ya Tanzaniya kwubahiriza agateka k’impunzi.
VI. Kubijanye n’abakenyezi bibungenze bahungiye mw’ikambi y’i Mulongwe iri muri républika iharanira demokarasi ya Congo, bidoga ko badafise ikibunguruza iyo bagiye kwibaruka, urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi z’abarundi, ruvuga ko bitumvikana ingene ikambi y’impunzi ibura rusehabaniha. Leopold Sharangabo, arongoye urwo runani, agasaba ishirahamwe HCR ryitaho impunzi gutorera vyihuta umuti ico kibazo.