Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/01/2020

Publié le 4 janvier 2020 par Rédaction

I. Utuzu indwi two kudandarizamwo, twubakishijwe ibiti, nitwo twahiye mu gitondo co kuri uwu wa gatandatu, ku mugwa mukuru wa komine n’intara ya RUTANA. Uwo mucanwa ukaba wadutse nk’igihe c’isaha umunani, nkuko amakuru dukura ngaho mu RUTANA abivuga. Ubwo buzu bita kiosques bukaba twakoreramwo abasanzwe bakora ama téléphones ngendanwa, ama radios hamwe n’amasaha. Umucanwa ngo ukaba woba wadutse uvuye muri kamwe muri utwo tuzu, nkuko amakuru dukura muri police abimenyesha. Bene ibintu bakavugako ataco bashoboye kwokora bakaba bataramenya ivyahononekariye. Tubamenyesheko ikiduga bita kizimya mwoto c’igipolisi kitashoboye kuhashika kuko  gisanzwe kirwaye, kikaba kiri gukorwa mugisagara ca bujumbura. Amatohoza akaba yatanguye kugira hamenyekane imvo z’uwo muriro hamwe n’ivyahononekariye.

II. Buramatari w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye, amenyesha ko bagiye guhagarika urudandazwa rw’ibifungungurwa cane cane ibijumbu n’ibitoke, muri kino kiringo bipakirwa kubwinshi na ma camions bijamwa kugurishwa mu bibanza bitazwi neza. Buramatari w’intara ya Kayanza, akavuga ko bagiye kugirana, mu ndwi iza, inama n’abajejwe intwaro n’umutekano kugirango bahagarike urwo rudandazwa.

III. Imiryango ingana 144 yo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi I Mulongwe muri republika iharanira demokarasi ya Congo, iridogera  ishirahamwe  HCR  ko amazu yubatswe n’ishirahamwe DPAE yahaye akazi  ariko arabomagurika, iyo miryango kandi yidogera igisata bita CBI (Cash Based lntervention)  ca HCR nyene, gisanzwe gitanga amatelephone kuri buri mpunzi ama telephone ngendanwa yuguruzwamwo I konti mu ntumbero yo kuzobaronsa amafranga yo kwiyubakira.

IV. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nduta, mu gihugu ca Tanzaniya, zirafise ingorane zo kudashobora kuja mu mashure ya kaminuza, biturutse ku bukene bubugarije zigasaba leta ya Tanzaniya ifatanyije n’ishirahamwe HCR kubafasha kugira ngo bashobore kwiga ayo mashure biboroheye.

V. Ubworozi bw’inkoko mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama ni bwo ikigabane « Kw’isoko » c’uno munsi gishimikirako.

Ibindi bisa n'ibi