I. Urunani COCESONA rwatanze ikiringo co kugera kuri uyu wa kabiri w’indwi buca dutangura, ku bigisha bipfuza gutera umukono ku rwandiko rwo kuruvamwo. Bamwe mu bigisha bavuga ko izo mpapuro batazironswa nkuko bikwiye, mbere hari naho zoba zinyegezwa kugira ico kiringo kibarengane. Bavuga ko naho ico kiringo corenga, bazoca bava muri ayo masendika yagiye kugira urwo runani, batagishijwe inama.
II. Umuntu umwe yaragandaguwe mur’ino ndwi dusozereye, abandi batatu barahagarikwa bidakurikije amategeko, biri mu cegeranyo ca SOS TORTURE gisohoka buri ndwi. Abahagaritswe bakaba bose ari abanywanyi b’umugambwe CNL.
III. Impunzi z’abarundi ziba mu makambi mu gihugu ca Tanzaniya, zifise ubwoba bwo kudasubira kuvugana n’ababo hakoreshejwe telefone ngendanwa. Ni mu nyuma y’ibikorwa vyogusansuma inomero zikoreshwa mu matelefone ngendanwa, mur’ico gihugu. Izo mpunzi zigasaba Reta ya Tanzaniya, kw’ impapuro zose ziranga impunzi zemerwa muri urwo rusansuma.
IV. Impunzi z’abarundi zahungiye mu gisagara ca Kigali, zigendana indwara y’igisukari, zahimbaje kuri uyu wa mungu, umusi wahariwe kugwanya indwara y’igisukari, ariyo Diabète, usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 14 Munyonyo, uko umwaka utashe. Jérôme Kazabukeye arongoye abagendana indwara y’igisukari akavuga ko bariko bigira hamwe ico bokora mu kugwanya iyo ndwara ya Diabète.