Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/01/2020

Publié le 8 janvier 2020 par Rédaction

I. Igipolisi cazindutse mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, gisaka muri quartier ya 4 iri muri zone ya NGAGARA, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.  Amakuru ava muri iyo zone, ico gikorwa carimwo n’abasirikare. Inyuma y’iryo sakwa, igipolisi kikaba ataco cahakuye, ariko abantu bataramenyekana igitigiri bahagaritswe. Iryo sakwa ry’igipolisi ryabaye no muri zone ya BUYENZI. Inyuma yico gikorwa, igipolisi kikaba naho nyene ataco cahatoye. Imbere y’uko iryo sakwa ritangura muri iyo zone ya BUYENZI, mu bucagucagu, babiri mu basirikare bariko barikazanura kugira bazunguruke iyo zone ntihagire uwusohoka, bakomeretse mw’isanganya aho bagonzwe n’imodoka.

II. Umugambwe  CNL urafise amakenga kuvyerekeye gushiraho abaserukira umurwi CENI, ku biro vy’amatora azoba muri uwu mwaka wa 2020. Mu rwandiko umugambwe CNL uherutse gushikiriza umurwi ujejwe amatora CENI ; unegura ko ishirwaho ry’abo bantu ridakurikije amategeko na cane cane itegeko rigenga amatora ; ugasabako vyosubirwamwo.

III. Ntivyari bikwiye ko abasirikare bicwa canke bakanyuruzwa ngo bagende amazimayongo. Ubutungane bwa gisirikare bwategerezwa gukurikirana abakekwa bose ukuri kukamenyekana, abakoze ubwicanyi bagahanwa. Umusirikare nawe agaragaje ko afise ubwoba n’amakenga ko ashobora kwicwa, uwumutwara yarabimenye ngo nawe yokurikiranwa nk’uwanse gutabara. Ivyo vyamenyeshejwe n’umwe mu basirikare b’intwazangabo bigeze kurongora abandi.

IV. Abanyeshuri biga muri kaminuza y’ubuhinga ya Rumonge, baridogera ubuyobozi bw’iyo kaminuza. Bavuga ko ibisata bibiri bigamwo bitazwi mu bushikiranganji buraba amakaminuza, bagatinya ko ivyo bariko barakora bishobora kuba impfagusa. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti.

V. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta, riremeza ko hari ibiturire bitangwa kugira umuntu aronswe urupapuro rw’inzira passeport. Gabriel RUFYIRI anegura ko ata ngingo zigeze zifatwa, kugira harwanywe ingeso y’igiturire n’aka mwana wa mama, mu kuronswa urwo rupapuro.

VI. Kugira iryo tangwa ry’ibiturire mu bijanye no kuronswa impapuro rihave, Gabriel RUFYIRI abona ko hoshingwa ikiringo c’iminsi ntarengwa umuntu ategerezwa kuronkerako urupapuro rw’inzira, mu gihe i dossier yiwe yoba ikwije ibisabwa.

VII. Buramatari w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye, aragabisha bamwe mu bajejwe intwaro n’ abapolisi barya ibiturire mu gufasha abantu bacukura ubutare bwa Coltan muri Komine Kabarore, bakabushora mu gihugu kibanyi C’Urwanda. Kurikira Buramatari w’intara ya Kayanza yabivugiye kuri radiyo y’igihugu kuri uyu wa gatatu.

Ibindi bisa n'ibi