I. Igipolisi c’Uburundi hamwe n’iperereza barahagaritse abantu batatu mu ntara ya Bururi ku wa 09 Nzero 2020. Abahagaritswe ni abana b’abahungu 2, biga kw’ishure rya komine ya Kibezi, hamwe n’umutama yakukurutse mu gipolisi c’Uburundi. Imiryango yabo ikaba ihagaritswe umutima n’iryo hagarikwa ry’ababo, kubera ko ngo ata caha bakoze cotuma bahagarikwa, bakanasinzikarizwa ubuzima. Bagasaba abaharanira agateka ka zina muntu, gufasha kugira barekurwe.
II. Hari umwigisha yahagaritswe kuri uyu wa gatanu, afashwe n’igipolisi muri komine Ndava, intara ya Mwaro. Uwo mwigisha akaba yagirizwa kuba yariyamirije amafranga ariko agomba gukurwa ku mushahara w’abigisha mu Burundi, bikozwe n’urunani COSSESSONA.
III. Ikiza ca Choléra, kiramaze kwibonekeza mw’ikambi y’impunzi ya Mulongwe muri Congo-Kinshasa. Naho abarongoye ikambi tutarabaronka ngo bavyemeze, amakuru ava mu mpunzi yemeza ko abantu barenga 5, bamaze kuyirwara muri zone imwe y’iyo kambi. Ubukene bw’ibikoresho vy’isuku bugashobora gutuma iyo ndwara ikwira ahandi mw’ikambi, nkuko ayo makuru abandanya abivuga.
IV. Kuva kuri uno wa gatandatu, komine Bururi iramutswa musitanteri mushasha Ciza Jean. Akaba yatowe n’inama mpanuzwajambo y’iyo komine, imutora ijana kw’ijana. Iyo komine ikaba yarimaze indwi zibiri itagira musitanteri, inyuma yaho uwahora ayirongoye Nestor Nijimbere atangiye imihoho abitegetswe n’umugambwe CNDD-FDD, ngo kuko ataragishoboye gukingira inyungu z’uwo mugambwe muri iyo Komine ya Bururi. Mukamenya ko n’uwo amusubiriye yamuka muri CNDD-FDD.
V. Marguerite Barankitse arongoye ikigo Shalom avuga ko uretse ivyiza yakoreye igihugu, ata kibi na kimwe yakoze cotuma ashirwako umutahe. Aho ni mugihe umushikirizamanza wa Sentare ntahinyuzwa, igisata c’iyungururizo, aherutse gusohora imitahe ihamagaza abakekwa kuba baragize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi muri Rusama umwaka wa 2015, ngo baze bitabe ubushikirizamanza mu ntango z’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Marguerite Barankitse, akavuga ko azira kuba yaragirije Pierre Nkurunziza ubwicanyi bwa Jean Nepo Komezamahoro, umusore w’imyaka 16 yishwe imyiyerekano igitangura.
VI. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani rw’abanyepolitique baharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha CFOR-ARUSHA, iyo mitahe mishasha nta shingiro ifise kuko iyo leta y’i Bujumbura ibahamagara kwitaba Ubutungane, ari yo yatumye bahunga ico gihugu. Bamvuginyumvira akavuga ahubwo ko ivyo bigaragaza ko ari ubwoba bufiswe na leta y’i Bujumbura.
VII. Kunyaga no kwihagira amatungo y’ikigo Maison Shalom ngo si uguhana canke ukugirira nabi umupfasoni Marguerite Barankitse yashinze ico kigo. Ngo ni ukugirira nabi zina kiremwa muntu, kuko ico kigo gisanzwe gifasha abantu bahuye n’ivyago canke ingorane zitandukanye aha nini zaturutse ku ntambara. Vyamenyeshejwe n’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA, aho avugako bitebe bitebuke, abakora ivyo impera n’imperuka intahe izobakubita mu gahanga.
VIII. Mu kigabane “Kw’isoko” co kuri uno wa 11 Nzero umwaka wa 2020, tubashikana mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale, iri mu bumanuko bushira uburengero mu gihugu ca Uganda, aho tuganira n’abagize umurwi w’abatimbo Sun light club.