Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/01/2020

Publié le 12 janvier 2020 par Rédaction

I. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yakubaguwe n’imbonerakure ku mutumba Rutyazo, wa komine Mwakiro mu ntara ya Muyinga ku musi w’ejo. Amakuru ava ngaho mu Rutyazo, avuga ko Faustin HAVYARIMANA yari yitahukiye avuye ku kazi kiwe ka misi yose, aca ategerwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Faustin HAVYARIMANA mu kwirwanira akoresheje umupanga yaravanye mu kazi, yawutemesheje ku kuboko umwe muri izo mbonerakure. Faustin HAVYARIMANA amaze gukubitwa agashaya, izo mbonerakure zahavuye nawe zimutema ku gice co ku mutwe. Ababanyi bahavuye bajana uwo munywanyi wa CNL kw’ ivuriro ry’aho I Mwakiro. Amakuru ava ngaho I Mwakiro akamenyesha ko Musitanteri wa komine yahavuye amukura mu bitaro ubu aja kumupfungira ku gasho ka komine. Uruganda rwa Radio Inzamba rwagerageje kurondera musitanteri wa komine Mwakiro avurwa ariko ntivyadukundira. Abanywanyi ba CNL i Mwakiro nabo bagasaba ko n’ izo mbonerakure zahohoteye uwabo  zofatwa zikabazwa.

II. Uno musi ugize uwa 83 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira reta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru, abagiriza gukorana n’aba reberi muri ico gitero.

III. Abantu batatu barishwe, 7 barahagarikwa bidakurikije amategeko. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-TORTURE, aho kigaruka kandi kw’ihonyangwa ry’amategeko rikorwa na parquet y’intara ya Bururi aho igumiza mu gasho abantu baba barejejwe na sentare.

IV. Impunzi z’abarundi zibiri nizo zimaze kumenyekana kuba zarafashwe n’ikiza ca Choléra, kuva uno mwaka utanguye, mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Biyongereye ku bandi batandatu bafashwe n’ico kiza muri gitugutu umwaka uheze. Abaserukira izo mpunzi baridogera amashirahamwe abafasha ko ataco bariko barakora kigaragara, mu gutorera umuti ikibazo c’isuku muri iyo kambi.

V. Amasezerano mpuzamakungu inomero 87 yo mu mwaka w’1948 y’ishirahamwe mpuzamakungu y’abakozi n’akazi, Uburundi busanzwe burimwo, arategekanya neza ingene abakozi bashobora kuja mu ma syndicats bakongera bagakoresha uburenganzira ayo masezerano abaha. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana, yigeze gutwara syndicat SYMABU. Akaba yabivuze inyuma y’aho abarongoye ama syndicats SYGEPEBU NA SYPEDUC bafatiwe bagafungwa kubera ama syndicats yabo adashigikiye ko urunani COSSESONA rukata amafranga 500 ku mushahara w’abigisha. Vital Nshimirimana akavuga ko bibabaje ko leta yisuka mubijanye n’itunganywa ry’ama syndicats.

VI. Imigambi ibiri ya Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe niyo yiteguwe gukorerwa mu Vyegwa vya Ngozi, mu ntumbero yo kuhubaka igisagara nkuko bishikirizwa n’icegera c’umuvugizi wiwe, inyuma y’inama Petero Nkurunziza yagiriye aho nyene mu ntara ya Ngozi kuri uno wa gatandatu. Alain Diomède Nzeyimana avugako Fondation le Messager be na Yehovah Shalom arizo ziteguye kwubaka aho mugace ka Vyegwa, Umukuru w’igihugu akaba yemeje ko ibikorwa bigiye gutangura vuba.    

VII. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL, muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, baratawe muri yompi kuri uyu wa gatandatu. Bafunzwe kw’itegeko ry’umwe mubarongoye imbonerakure muri zone Kibungere, bazira kuba batemeye itegeko ryiwe ry’ukwo inzoga y’urwarwa bariko baracuruza batayibikiye imbonerakure.  Bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ku murwa mukuru wa komine, imiryango yabo igasaba ko borekurwa.

Ibindi bisa n'ibi