I. Imiryango y’abagabo babiri bahungiye mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya, irahagaritswe umutima n’ukwo idaheruka agakuru k’ababo. Abo bantu 2 bavukana bafatiwe mw’ikambi y’i Nduta nyene, mu kwa gatatu kw’umwaka uheze. Ntawuzi ico bagirizwa ariko umutambukanyi w’umwe muri bo asaba HCR na leta ya Tanzaniya gufasha gusubira kubabona.
II. Abanywanyi batanu b’umugambwe CNL muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro bari bapfungiwe mu gasho ka komine Nyabihanga, barekuwe mu gatondo ko kuri uyu wa mbere n’umushikirizamanza wa Republika muri iyo ntara. Abarongoye umugambwe CNL muri iyo komine bagasaba ko n’umukenyezi azwi kw’izina rya Béatrice Barengayabo, yafashwe arementanirijwe kumena amabanga y’umugambwe CNDD- FDD ajanye n’inyigisho zahawe abanyeshure bari mu buruhuko yorekurwa.
III. Uno musi ugize uwa 84 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mponzenzi na Egide Harerimana b’ikinyamakuru Iwacu bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’aba robeli i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira Leta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru, abagiriza gukorana n’abarobeli muri ico gitero.
IV. Igisirikare c’Uburundi gisabwa gutanga umuco kw’iburwa irengero ry’abasore bo ku mabarabara ya gatandatu n’indwi muri quartier ya CIBITOKE, atawuramenya amakuru yabo, inyuma y’uguhagarikwa n’igisirikare kw’igenekerezo rya 13 Nzero umwaka w’2016. Akamo gaterwa n’ishirahamwe FOCODE ribicishije mw’isekeza NDONDEZA. Kubwa Pacifique NININAHAZWE, ishirahamwe arongoye ryaramenye abasore batanu mu bandi benshi bahagaritswe uyo munsi n’igisirikare. Abaraho bakemeza ko urwo rwaruka rwurijwe imodoka y’umuhisi lieutenant-colonel Darius IKURAKURE.
V. Ikiziga c’umugabo w’imyaka yababa 45, caratowe kuri uyu wa gatandatu, ku mutumba wa Mbizi uri muri komine Kibago y’intara ya Makamba. Zenon Nishimwe, musitanteri wa komine Kibago, amenyesha k’uwo muntu yarasanzwe ava mu gihugu ca Tanzaniya ngo biboneka ko yoba yiciwe ahandi, hanyuma aza kumanikwa ku giti aho ku Mbizi kandi ngo yari amaze indwi yarabuzw’irengero, nk’uko umuryango wiwe wavyemeje uje gutora ikiziga kuri uyu w’Imana. Uwo arongoye komine Kibago, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira imvo z’urwo rupfu zimenyekane, n’aho yapfiriye, mu ntumbero y’ugukomeza imigenderanire myiza n’ababanyi babo bo muri Tanzaniya. Ico kiziga kikaba kibaye ica 3 gitowe kuri uyo mutumba wa Mbizi kuva mu mwaka w’2019 nk’uko vyemezwa n’uwo aramutswa komine Kibago.
VI. Amazu n’amabarabara vyaraye bibomowe n’amazi y’imvura mu bumanuko no mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu baba aharaye hateye amazi, baraye bahagaze. Basaba reta gukora imifurege itwara amazi y’imvura kugira inyubakwa z’abantu n’inyubakwa rusangi zikingirwe.
VII. Umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, wamenyesheje kuri uyu wa mbere aho igikorwa co gucukura ibisigarira vy’amagufa y’abantu bishwe, bahambwa ahahoze isoko yo mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, kigeze. Abantu baharurwa hagati ya 250 na 270 nibo bashobora kuba barahambwe aho hahoze isoko ya Kamenge. Noah-Clément NINZIZA, icegera c’uwurongoye umurwi CVR, yamenyesheje ko bafatiye ku makuru bahawe n’abanyagihugu, abo bantu bashobora kuba bishwe mu ngwano zo mu myaka yi 1994 n’i 1995.
VIII. Umugambi wo kwubaka igisagara mu Vyegwa vya Ngozi, bikozwe n’ishirahamwe le Messager be na Jehovah Shalom, vyegukira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, n’umutambukanyi wiwe, ngo ni umugambi uhonyanga ibwirizwa nshingiro mu ngingo yayo igira 102. Ivyo bisigurwa n’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’ugusesagura amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri avuga ko kizira kikaziririzwa ko umukuru w’igihugu yiyitirira ishirahamwe mu gihe ariko arangura imigambi y’igihugu.
IX. Kuri uno wa mbere isaha cumi, niho abakinyi 12 b’umugwi nserukira gihugu wa basketball bafata urugendo bagana igihugu ca Kenya, ahagiye kuzobera ihiganwa ry’akarere ka gatanu. Iryo higanwa rikazotangura kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika kurya 18 za kuno kwezi.