I. Abanywanyi barenga cumi b’umugambwe CNL, baraye bakubiswe bongera barasahurwa n’imbonerakure, ku mitumba ya Kibazi na Kimeza muri komine Bwambarangwe y’intara ya Kirundo. Vyakozwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, bahagarikiwe n’abajejwe intwaro. Bene gukubitwa bakanasahurwa ivyo bari bafise, bazindutse kwitura igipolisi kugira batunganirizwe.
II. Uwurongoye umugambwe CNL ku mutumba Nyabisiga, muri zone Nyagisozi muri komine ya Busoni, ni mu ntara ya Kirundo, amaze iminsi indwi ariko araturatuzwa. Amakuru ava ngaho, yemeza ko iryo totezwa ariko arigirirwa n’uwurongoye zone ya Nyagisozi, amuhora kuba adashaka kuva mu mugambwe CNL, ivyo uyo arongoye zone yiyamiriza. Yemeza ariko ko amurondeza amuhora ko yamututse, kandi ari umutegetsi.
III. Kugira amatora ariko arategurwa agende neza mu Burundi, abanyagihugu bategerezwa kwishira bakizana mu butandukane bwabo, no mu vyiyumviro vya politique. Ivyo n’ibishikirizwa na Dr Christophe SEBUDANDI, arongoye ishirahamwe GRADIS rikora ubushakashatsi hamwe no gushigikira utwigoro two gutsimbataza intwaro rusangi mu Burundi, no mu karere k’ibiyaga binini. Christophe SEBUDANDI abona ko hobanza kuba umwumvikano muri bene Burundi, atari uko abarundi babona ko bakumiriwe mw’ayo matora bazorondera agateka kabo bidaciye mu mwumvikano.
IV. Intwazangabo cumi nizo zadugijwe ama pete na Petero Nkurunziza, mu mpera z’umwaka wa 2019. Mu matohoza yakozwe n’umugambi Ndondeza, yemeza ko intwazangabo bane muri izo zadugijwe ama pete, zifise uruhara mu mabi y’ubwicanyi bwakozwe mu gihe abarundi biyamiriza ikiringo ca gatatu, ca Petero Nkurunziza. Pacifique Nininahazwe arongoye iryo sekeza avuga ko ayo ma pete yatanzwe kuri izo ntwazangabo ari ayo kubashimira ku mabi yo gusesa amaraso bakoze, ku ntwaro ya Petero Nkurunziza. Ku bwiwe ahubwo ngo izo ntwazangabo zari zikwiye gushigwa imbere y’ubutungane, kugira bacirigwe imanza kumabi bakoze.
V. Hari umurwi ujejwe gutohoza ku binogo vyahambwemwo abantu ikivunga mu kigo ca kaminuza co ku Mutanga. Vyashikirijwe na Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR, ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, hari kuri uyu wa kabiri, igihe yariko arashikiriza inama nshingamateka ivyo uwo murwi umaze kurangura. Avuga ko kaminuza yari ikwiriye kuba ikigo kiramura incabwenge zubaha, kandi zikubahiriza agateka ka kiremwa muntu.
VI. Igikorwa c’umugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, ngo carataye akanovera ko kunywanisha abarundi mugihe kiriko kirakora, ubutegetsi bubandanya kwica abantu bukabata mu binogo rusangi. Charles Nditije, arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, niwe abivuga, agasigura ko uyo mugwi udafise uburyo bw’ubuhinga n’amafranga kugira ukore neza. Ikindi avuga n’uko uyo mugwi washizweho hahonyanzwe amategeko. Pr Charles Nditije.
VII. Uburundi bwatanguye neza ihiganwa ry’akarere ka gatanu, rihuza imigwi nserukira bihugu ya basketball mu gutsinda Somariya, ku manota 106 kuri 86. Abakinyi ba Olivier Ndayiragije, bafise ariko akazi katoroshe kuko basigaje inkino zine kandi zikurikirana bataruhutse. Mu nkino zabaye ku musi wa mbere, Sudani yo mu bumanuko yatsinze Somariya ku manota 114 kuri 79; iyo Sudani ikaba ari nayo izokina n’Uburundi kuri uno wa kane. Nayo Kenya yatsinze Erytreya yorohewe cane ku manota 112 kuri 64. Uwuzoba uwambere muri ivyo bihugu bitandatu biriko birahiganirwa muri Kenya, akazoca aronka uburenganzira bwo gukina inkino za Africa. Uwo mugwi uzoca uja mu mugwi E ugizwe na Sénégal, Angola na Mozambique.
VIII. Uno musi ugize uwa 86 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira reta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru, abagiriza gukorana n’aba reberi muri ico gitero.