I. Abashingamateka b’ubumwe bwa buraya, bafashe ingingo bita résolution, kuri uno wa kane, biyamiriza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ribandanya mu Burundi, mu gihe himirije amatora. Iyo ngingo ihamagarira kandi abategetsi b’Uburundi kurekura ata gisabwe abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU. Kubwa Tom Gibson, arongoye comité ijejwe gukingira abamenyeshamakuru mu bumwe bwa buraya, ingingo z’ubumwe bwa buraya ngo zerekana ko amakungu ahagaritswe umutima n’ihonyangwa ry’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi. Mwomenyako abo bamenyeshamakuru ba Iwacu aribo Agnes Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi bakwije imisi 87 mw’ibohero rikuru rya Bubabanza.
II. Sentare y’ I Paris mu gihugu c’ ubufaransa yakuriye inkoni kugishitsi Petero Nkurunziza mu rubanza yari yitwariyemwo umushingwamanza Bernard Maingain, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi David GAKUNZI hamwe n’imboneshakure FRANCE 3. Iyo sentare ikaba mu gisata c’iyungururizo itahaye agaciro indishi Petero Nkurunziza yari yasavye avuga ko yatyojwe. David Gakunzi umwe mu bari bitwariwe avuga ko intsinzi ari iyo abakorewe amabi n’intwaro ya Petero Nkurunziza. Tubibibutse ko Petero Nkurunziza yari yitwariye Télévision France 3, umushingwamanza Bernard Maingain hamwe na David GAKUNZI kubera inkuru yaciye kuri France 3 bise “ubwicanyi burengeje urugero bwariko buraba mu Burundi mu 2016”; « Le Burundi en proie à des violences extrêmes », sentare y’I Paris ikaba yaciye urubanza ivuga ko iyo nkuru ata nahamwe ityoza Petero Nkurunziza.
III. Hari intumwa z’abahinga bo mu karere ka EAC mu bijanye no guhinyanyura amategeko ziriko ziragendera u Burundi. Izo ntumwa zikaba zigiye gutanguza ibiganiro n’abo bose berwa n’ibijanye n’ishirwaho ry’ibwirizwa nshingiro rizogenga umuryango w’akarere ka Africa y’ubuseruko, kugira akarere kagendere ku ndinganizo imwe muri politique. Ivyo biganiro vyatanguye kuri uyu wa kane, bikaba bizobera mu ntara za Ngozi, Gitega, Makamba na Bujumbura. Izo ntumwa zirongowe n’umunyamanbanga mukuru wa EAC Libérat MPFUMUKEKO, zikaba zakiriwe ku musi wa gatatu n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza; Nkurunziza aho yamenyesheje ko ivyo bikorwa bitanguye nabi mu gihe ata ntumwa y’Urwanda iri muri abo bahinga ba EAC.
IV. Hari igice c’abanywanyi b’umugambwe CDP bariko bariyonjorora muri uyo mugambwe. Abagera kw’icumi baramaze gushikiriza amabaruwa yo gutanga imihoho, bamwe mu barongoye umugambwe bavuga ko abo bantu bariko baragenda, kubera bari biteze kuronswa amafranga. Ivyo kandi bigasa n’ivyemezwa na bamwe mubariko baravamwo, bavuga ko bavuyeyo kubera ivyo bari bemeranije n’indongozi z’uyo mugambwe bitashizwe mu ngiro.
V. Abanyagihugu bahuye n’ivyago vyo guterwa n’amazi y’imvura nyinshi imaze imisi igwa, mu gisagara ca Bujumbura na cane cane muri quartier Winterekwa, yo muri zone ya Gihosha, basabwa ku neza yabo kuva muri ivyo bibanza. Vyavuzwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2019. Ku bwiwe ngo abo bantu bubatse ahatubakwa, bohava kugira bakingire ubuzima bwabo.
VI. Inama nshingamateka ifise ububasha bwo gusaba ko umushikiranganji abogozwa mu mabanga yiwe, iyo ariko abasigurira ibihushanye. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umushakashatsi muvy’ubutunzi, inyuma yaho Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadée Ndikumana, ashikirije imbere y’inama nshingamateka ko ibice 54,2 kw’ijana vy’abana batarenza imyaka itanu, bagwaye indwara zijanye n’ugufungura nabi, kandi umwimbu w’ivyo bafungura ukwiye mugihugu.
VII. Abanyeshure b’impunzi z’abarundi 30 bafashijwe n’ikigo Maison Shalom, baronse impapuro z’umutsindo kuri kaminuza UNILAK mu gihugu c’u Rwanda. Abo baronse impapuro z’umutsindo bagizwe n’abahungu 25 hamwe n’abakobwa 5. Bose barashimishwa niyo ntambwe bateye.