Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/01/2020

Publié le 17 janvier 2020 par Rédaction

I. Umumenyeshamakuru akorera Radio Isanganiro mu ntara ya Karusi, Blaise Pascal Kararumiye, yaraye mu gasho ko muri komine Buhiga, inyuma y’uko yarahejeje kumvirizwa n’umushikirizamanza wa republika muri iyo ntara, ku nkuru yari yakoze. Sylvère Ntakarutimana, arongoye radio Isanganiro, avuga ko inkuru yakozwe n’umunyeshamakuru yabo ata kosa ry’umwuga na rimwe ririmwo. Agasaba indongozi kwubahiriza abamenyeshamakuru, kugira isura y’Uburundi ntibandanye gucafura.

II. N’urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi, UBJ mw’itangazo rwasohoye kuri uyu wa gatanu, bariyamiriza ipfungwa ry’uyo mumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro. Urunani UBJ rukabona ko iryo pfungwa ry’umumenyeshamakuru, Kararumiye, ata fatiro na rimwe rifise kuko inkuru yakoze ikurikije amategeko y’umwuga. Urwo runani rukabona ko iryo pfungwa rije ryiyongera kw’iburabuzwa ry’abamenyeshamakuru ririko riraba mu Burundi, mugihe hasigaye amezi make, ngo amatora abe. Aho bagenzi bacu 4 b’ikinyamkuru iwacu bakwije imisi 88 bapfungiwe mu ntara ya Bubanza, kandi atakosa bagirizwa. Urwo runani rugasaba irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru bose vuba bwango kandi ata kirinze gusabwa. 

III. Ingingo yafashwe n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, isaba irekurwa atagisabwe ry’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe, ije hageze kuko barenganywa, bishikirizwa na Gabriel Baglo umunyamabanga mukuru w’amashirahamwe ahurikiyemwo abamenyeshamakuru bo muri Afrika. Agasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ico iterereye, kugira ngo barekurwe. Iyo ngingo y’abanyaburaya ku bibera mu Burundi ikaba yafashwe kuri uyu wa kane.

IV. Integuro y’itegeko isaba ko abatwara ama komine boba bafise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza, ni integuro nziza kubw’iterambere ry’amakomine. Ivyo bivugwa na Tatien Sibomana, umwe mubatavuga rumwe na leta. N’aho ryahinyanyuwe n’inama nkenguzamateka aho bavuga ko uwukwiye kuba afise urwo rupapuro yoba ari umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa w’uwurongoye komine, umukuru w’igihugu ngo akwiye gusaba inama nshingamateka gusubira kuryiga ku neza y’iterambere ry’ama komine.

V. Akamwemwe ni kenshi kubigisha b’abarundi b’impunzi bigisha i Mulongwe muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, aho ni mugihe baronkejwe udufaranga tw’amezi atanu yari aheze ataco baronka. Abo bigisha bagasaba HCR n’isharahamwe Action Aid, vyabaronkeje ako gahembo, kudasubira kubicisha inzara ahubwo ko boza barabaha uko ukwezi gutashe.

VI. Umuntu umwe yitavye Imana, abandi babiri barakamanganira mu kiyaga Dogodogo ni mu ntara ya Cibitoke. Hari mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, aho bamwe mu baganga bo mu turere Bubanza, Mpanda na Mabayi,   bamaze igihe mu nyigisho muri komine Rugomba, bari bashatse kwinezereza mu kiyaga hakoreshwe ubwato. Ubwo nabwo bukaba bwaciye bwibira bugeze hagati muri ico Kiyaga, nkuko uno muri abo baganga yari aho yabitubwiye.

VII. N’akanyamuneza kubaburanira ababuze ababo kuva mu mwaka wa 2015 mu Burundi, inyuma y’aho sentare y’iyungururizo y’i Paris mu bufaransa, ishikirije aho ihagaze mu rubanza Petero NKURUNZIZA yitwariyemwo umushingwamanza Bernard MAINGAIN, n’abo bagirizwa hamwe. Umushingwamanza Lambert NIGARURA, arongoye urunani rukurikiranira hafi ibikorwa vya Sentare mpuzamakungu CB-CPI, amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gushingisha urubanza yashaka gutera ubwoba abashengeje ubutegetsi ku vyaha buriko burakorera abanyagihugu, muri sentare mpuzamakungu. Umushingwamanza Lambert NIGARURA yongerako kandi ko urwo rubanza ari ikimenyetso c’umwizero ko umusi uri izina, abakorewe ivyaha n’ubutegetsi bazoronka ubutungane.

VIII. Ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT BURUNDI, riravuga ko abanyororo babandanya kuborezwa igufa no kutitabwaho mu mabohero atandukanye. Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe c’ukwezi kwa kigarama, umwaka uheze, ACAT Burundi rishikiriza ko habaye agahengwe muri iyi misi iheze mu mabohero ya Muramvya, Rumonge, Gitega, uretse I Bujumbura mw’ibohero rya MPIMBA, ahasanzwe haguma hibonekeza ihohoterwa rikorerwa cane cane abapfungiwe ivya politique. Abagirizwa ihohoterwa ry’abanyororo bakaba ari abanyororo bayoboka umugambwe CNDD-FDD. Jean Claude NTIBURUMUNSI, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI.

IX. Mwomenya ko muri ico cegeranyo, ishirahamwe ACAT BURUNDI imenyesha ko abanyororo 12 bagumye mu munyororo mw’ibohero ry’i Muramvya, kandi bararangije imyaka y’igihano, nayo mw’ibohero rya Rumonge abagera kuri 6, ntibarafungurwa kandi bararekuwe ivy’agateganyo.

Ibindi bisa n'ibi