I. Ngo nta gitangaje ko leta irongowe na Petero Nkurunziza, ibandanya gutoteza abamenyeshamakuru kuko ariyo yabaye integuro y’umugambwe CNDD-FDD kuva ugishika ku butegetsi. Ukwo niko bisigurwa na Jérémie Minani, umuvugizi w’urunani CFOR, ruharanira kugarukana amasezerano ya Arusha. Muri urwo runani bavuga ko kubona abamenyeshamakuru baguma bafatwa bagapfungwa, biri mu rukurikirane rw’amabi amaze gushikira abamenyeshamakuru mu Burundi. Jérémie Minani
II. Ikindi ngo coba cinyegeje inyuma y’itotezwa ririko riba ku bamenyeshamakuru, n’ugushaka ko amatora yimirije mu kwezi kwa gatanu kw’uno mwaka aba mu mwijima, kuko abamenyeshamakuru bazoba batswe ubwigenge bwo kuyakurikiranira hagufi.
III. Uyu musi ugize uwa 3 umumenyeshamakuru wa radio Isanganiro, mu ntara ya Karusi, Blaise-Pascal KARARUMIYE, atawe mu mvuto mu ntara ya Karusi. Uyu musi ugize uwa 89, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA, batawe mu mvuto, umushoferi Adolphe MASABARAKIZA yarabatwaye igihe bahagarikwa mu ntara ya Bubanza, we yahavuye atezurirwa na sentare. Urubanza rwabo rukaba ruherutse kuburanishwa rushirwa mu mwihererero, umushikirizamanza akaba yabasabiye gufungwa imyaka cumi n’itanu, n’ugufatira ibikoresho vyabo. Hakaba harindiriwe ingingo ya sentare.
IV. Musitanteri wa komine Nyamurenza, mu ntara ya Ngozi, Dieudonné Niyozima aragirizwa kuba akubita abanyagihugu harimwo n’abakuru b’imitumba. Akarorero n’ak’umukuru w’umutumba Mushonge, yarengeye, amukubita amakofe abanje kumupfukamika, imbere y’abanyagihugu, amuhoye ko atararitse neza ku gikorwa cugutera ibiti kuri uyu wa kane.
V. Ngo ibikorwa vy’ubushikiranganji bw’ubudandaji vyagenze neza cane muri aya mezi atandatu aheze. Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji, ejo imbere y’abamenyeshamakuru aho yariko adondagura ivyaranguwe muri ico kiringo. Ariko rero Jean-Marie Niyokindi, yongeye avuga ko intambamyi zitabuze, nko mu rwego rwo gucungera ko akanovera k’ibiribwa n’ibinyobwa gakwije ivya ngombwa.
VI. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Basketball wasozereye uno musi inkino z’akarere ka gatanu wari umazemwo imisi. Inyuma yo gutsinda Somaliya mu rukino rwa mbere, kuri uno wa gatandatu Uburundi bukaba bwakinye inkino zibiri butsinda zose. Mu rukino rwabaye mu gatondo u Burundi bwatsinze Tanzaniya ku manota 80 kuri 52, nayo inyuma ya saa sita abakinyi ba Olivier Ndayiragije, bakaba bigishije basketball Erythréya mu kuyitsinda ku manota 103 kuri 51. Mu nkino 5 Uburundi bwakinye, butashe butsinze 3, butahukana ikibanza ca gatatu, mu bihugu vyitabiriye iryo higanwa.
VII. Mu kigabane Kw’isoko c’uno munsi tubashikiriza ingorane zivugwa mu ma shirahamwe y’abarimu, bita ama syndicats mu rurimi rw’igifaransa, bivuye kw’ ikatwa ry’amafaranga 500, agenewe ihuriro ry’ayo ma syndicats COSSESONA, amategeko avuga iki?