I. Hari umukenyezi yaraye agandaguwe, muri zone Buyenzi, igisagara ca Bujumbura. Mariam Nikiza, batazira Nyota, yakora umwuga wo kuvunja amafaranga, yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana. Uwo mukenyezi akaba agize uwa gatatu yishwe mu bantu bakora uwo mwuga wo kuvunja amafaranga, kuva mu kwezi kwa 12 guheze.
II. Hari umunywanyi wa CNL wo ku mutumba Karambo, wa komine Busoni n’intara ya Kirundo, yaratemaguriwe imirima y’ibitoke kuri uyu wa gatanu. Amakuru Radio Inzamba ikura muri iyo komine, avuga ko iyo mirima yatemaguwe n’urwaruka rw’imbonerakure. Abagirizwa ntitwashoboye kubaronka ariko umwe mubaba kuri uyo mutumba, asaba ko ababikoze bohanwa hisunzwe amategeko.
III. Abantu batanu barahagaritswe bidakurikijwe amategeko mur’ino ndwi iheze. Ivyo biri mu cegeranyo ca SOS TORTURE gisohoka ku ndwi. Bane muri bo n’abanywanyi b’umugambwe CNL.
IV. Hari urupapuro rwo mw’ibanga rwerekana ingene ibitaro vy’abasirikare vy’i Bujumbura bitwawe, hakurikijwe ibitigiri vy’amoko. Urwo rupapuro bivugwa ko rwoba rwanditswe n’umwe mu barongoye ivyo bitaro rukaba rwarungikiwe igendereza ry’u Burundi. Bamwe mu bakozi b’ivyo bitaro, hamwe n’abasirikare bahivuriza, babonako ivyo biteye kubiri n’akarangamutima mbere n’indahiro z’abakora mu gisata c’ubuvuzi.
V. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu uyu musi ugize 90 bafunzwe. Egide Harerimana, Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence MPOZENZI, bafashwe italiki 22 z’ukwezi kwa 10 mu mwaka wa 2019, bagiye muri komine Musigati, intara ya Bubanza, gukora inkuru ijanye n’ingwano zariko zihuza abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Bagirizwa gukorana n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Uwundi mumenyeshamaku ari mwibohero, ni Blaise Pascal KARARUMIYE, akorera Radio Isanganiro, mu ntara ya Karusi. Yafunzwe ku musi wa kane uheze, inyuma y’aho yumvirijwe n’umushikirizamanza wa republika muri iyo ntara, kubera inkuru yakoze.