Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/01/2020

Publié le 20 janvier 2020 par Rédaction

I. Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Buyoya, aragabisha ko amasezerano y’amahoro ya Arusha, ariko arahonyangwa ayo nayo akaba ariyo yari yagarukanye ituze mu gihugu. Akaba aherutse kurungikira ikete umuhuza mu matati y’abarundi, amwibutsa uruhara afise mugukingira ayo masezerano. Petero Buyoya atanga akarorero k’iryo honyangwa, mu rubanza avuga ko ari urwa politike rwo kwagiriza bamwe mu bahoze mu nzego za Leta na gisirikare bagirizwa kuba bafise uruhara mw’igandagurwa ry’umukuru w’igihuguMelchior Ndadaye, mu mwaka 1993.

II. Hamaze imisi hibonekeza ku rubuga ngurukana bumenyi YouTube, ku kinyamakuru IYAKURE TV, amakuru ya Radio Inzamba Agateka kawe. Aho bafata bimwe mu bigize amakuru ya Radio Inzamba bakabikata bakabihomeka kukinyamakuru Iyakure TV. Kubwa Alexandre Niyungeko, umuyobozi wa Radio Inzamba, ngo ivyo ni ibiterasoni kubona ico kinyamakuru kirenga amategeko agenga umwuga wo kumenyeshamakuru nkana, kikiyitirira ivyakozwe n’abandi. Ku bwiwe ngo ivyo ntivyosamaza na gato abakunzi ba Radio Inzamba.

III. Umumenyeshamakuru wa radio Isanganiro mu ntara ya Karusi, Blaise KARARUMIYE, yarekuwe ku muhingamo w’uyu wa mbere. Blaise Pascal KARARUMIYE akaba yarengutse imbere ya Buramatari ari kumwe na ba musitanteri barongoye ama komine indwi, agize intara ya Karusi. Hari kandi n’umushikirizamanza wa republika mu ntara yamuhagaritse. Uwo mumenyeshamakuru wa radio Isanganiro, mu ntara ya Karusi, akaba yari amaze imisi 6 mu gasho. Yari yahagaritswe ku wa kane w’indwi iheze, inyuma y’inkuru yatangaje, ijanye n’ubunyonyezi mu ma cooperative SANGWE yegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

IV. Innocent Muhozi arongoye ikigo kijejwe guhanura abamenyeshamakuru OPB, avuga ko gufunga abamenyeshamakuru no kubahagarika ari uburyo bwo kubatera ubwoba kugira bame bazirikana ko atabwigenge bwo kumenyeshamakuru bafise. Kubwa Innocent Muhozi ubu aho ibintu bigeze, umuntu wese afise ico apfana n’umukuru, apfungisha uwo nashatse, canke akanamugirira nabi kandi ata nkomanzi.

V. Hari umwana yitwa Divin Igiraneza, w’imyaka 12, wo muri zone Rukeco, komine Busiga, intara ya Ngozi, yaraye agandaguwe na Issa Bigirimana, yaba aho mu Rukeco, ariko akomoka muri komine Giteranyi y’intara ya Muyinga. Amakuru ava aho mu Rukeco amenyesha ko uwo Issa Bigirimana, yahoze mbere ari umupolisi hanyuma arirukanwa kubera kwigenza nabi, nkuko amakuru ava mugipolisi abivuga. Uwo Issa Bigirimana akaba nkuko aba nya Rukeco babivuga, yishe uwo mwana kuko yagenzwa no kugandagura se wiwe asanzwe ari umupasitore wiwe mw’ishengero CMCI. Uwo mupasitori ngo akaba yagirizwa kugira uruhara mw’iyahukana rya Issa Bigirimana, n’umugore wiwe nawe nyene asengera aho muri CMCI.

VI. Abasirikare batanga amakuru y’ibibera muri Somaliya ku maradiyo Inzamba na RPA baragabishwa ko bazohanwa. Mu nama icegera c’uwurongoye ibatayo ya 54 yagirishije kuri uyu wa mbere ikompanyi 2 z’abasirikare i Selegero muri Somaliya, iyo ntwazangabo irikumwe n’abarongoye izo kompanyi 2, yabamenyesheje ko abo batanga amakuru kuri ayo ma radiyo bafatwa nk’abansi b’igihugu. Umwe mu basirikare bari muri iyo nama, yamaze amasaha atatu, avuga ko atanezerejwe n’amajambo yahavugiwe.

VII. Gushika ku wa 28 Ruhuhuma uyu mwaka, inteko z’ubumwe bwa afrika ziri mu gihugu ca Somaliya, mu rwego AMISOM, zizogabanywa abasirikare igihumbi. Ivyo biri mw’itangazo ryavuye mu biro bikuru vy’inteko za AMISOM, ryateweko umukono ku wa 15 Nzero, uyu mwaka w’2020. Ibihugu vyose bifise abasirikare muri Somaliya vyose birarabwa n’iryo gabanywa ry’abasirikare. Igihugu ca Uganda kizogabanya abasirikare 296, l’Erythrée 212, u Burundi 202, igihugu ca Kenya 198 hamwe n’igihugu ca Djibouti, kizogabanya abasirikare 92 mu nteko za AMISOM. Izo nteko zahora ziharurwa mu basirikare 19.461 hazoca hasigara abasirikare 18.461. Tubibutse ko mu ntango z’umwaka uheze abasirikare b’u Burundi bari mu rwego rw’ubumwe bwa Afrika AMISOM, bari bagabanijweko abasirikare igihumbi. Ingingo yagiye mu ngiro bigoranye mu gihe abategetsi b’uBurundi baba aba gi civile na gisirikare, bavuga ko ari ingingo y’akarenganyo u Burundi bwari bwafatiwe. 

VIII. Umurima w’ibigori n’imyumbati y’uwurongoye umugambwe CNL, ku mutumba Gihosha muri komine n’intara ya Kirundo, yararanduwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Amakuru Radio Inzamba ikura muri iyo komine, avuga ko abakekwa kuba baratemaguye iyo mirima ari imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba basaba ko abatemaguye iyo mirima bohanwa hisunzwe amategeko.

IX. Igihe c’isaha zitanu mu masaha yo mu gihugu ca Kenya niho Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye, yabonana na bamwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’I Kakuma, bakaba bahuriye mu kibanza bita UNHCR Field kigira 4. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bari aho baranegura uko iyo nama yateguwe, umwe mu baganiriye na Radio Inzamba Agateka Kawe, avuga ko abitavye iyo nama ari abarobanuwe mu bandi hadashizwe imbere ibibazo bihanze impunzi ziri aho mw’ikambi y’i Kakuma.

Ibindi bisa n'ibi