Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/01/2020

Publié le 23 janvier 2020 par Rédaction

I.  « Pascal Nyabenda Umukuru w’inama nshingamateka ntakorera abanyagihugu bamutoye, ariko akorera umugambwe CNDD-FDD, cane cane kino gihe hageze ko aja ku rutonde rw’abazokwitoza mu matora ya 2020’’. Ivyo bishikirizwa na Léonce Ngendakumana yahoze arongoye Inama nshingamateka, inyuma y’aho Pascal Nyabenda abwiye abashingamateka ko boreka kuba ba maboko, bagahereza Petero Nkurunziza, uturusho dukwiye inyuma y’amabanga yiwe, ko ayo mafranga atazova mu mifuko y’abo bashingamateka.

II. Amashirahamwe y’abarimu mu Burundi, arashima ko leta yemeye kwongereza ikiringo c’uturusho ku mushahara, mu kiringo c’amezi atandatu, ikiringo gihura n’ikiringo c’umwaka w’amafaranga leta izokoresha ku mwaka wa 2022. Emmanuel MASHANDARI, umwe mu baserukira abarimu bahurikiye mu ma shirahamwe y’abarimu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yasiguye ko ikiringo co kwongera uturusho ku mishahara cari kimaze imyaka ine, nayo yaheranye n’umwaka w’2019. Asaba leta kwihutisha umugambi wo gukuraho burundu ubusumbasumbane bw’imishahara mu bakozi ba leta.

III. Abantu 466 nibo bamenyekanye ko bishwe mu gihugu cose mu mwaka uheze wa 2019. Abagera ku 219 muri bo, ibiziga vyabo vyatowe mu bibanza bitandukanye vy’igihugu. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe APRODH, riharanira agateka ka muntu n’ak’abapfunzwe c’umwaka uheze w’2019.

IV. Uburusho bw’umurengera bugiye gutekererwa Petero Nkurunziza, ngo ni kimwe mu vyerekana ko abo basangiye politique batakimwipfuza, ko kuri bo ivyo yotwara vyose ataco bibabwiye. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani rutavuga rumwe na leta CFOR-ARUSHA. Ku bwiwe ngo ikibabaje kandi, nuko iryo tegeko rimuha uburusho rikumira abandi babaye abakuru b’ibihugu, ngo kuko naho boba batatowe hariho ingingo bafashe muri kahise, kandi zigikurikizwa vyerekana ko babaye abakuru b’igihugu babushitse.

V. Uno musi wahariwe indero, ushitse mu bana b’impunzi z’abarundi bose bari kw’ishure mu karere ka Muhanga, aho bahungiye. Jean De DIEU Niyongabo ajejwe indero y’abana b’impunzi z’abarundi, asigura ariko ko babanje gusigurira abarezi ko bobacira inkoni ngufi, kubijanye n’ibikoresho be n’amafaranga y’ishuri ataraboneka muri rusangi, akizeza abavyeyi ko abajejwe ama comité y’impunzi mu gihugu c’Urwanda, bariko bakora ibishoboka kugira abana baze baheze umwaka w’ishure mw’ituze. Tukibutsa ko hashizweho I nomero ya compte mu kigo Shalom I Kigali, kuri uwo wese yokwipfuza gufasha ku bijanye n’indero y’abana b’impunzi z’abarundi, zahungiye mu Rwanda.

VI. Kubona inama nshingamateka imushira mu kibanza c’umuntu ariwe  karorero ka mbere mu gukunda igihugu, ngo nibintu bikorwa mu bihugu vyose birangwamwo intwaro z’umukazo. Petero Nkurunziza asize igihugu kiri mu bibanza vya mbere kw’isi bikenye, igihugu kirangwamwo indyane yoba akarorero kabandi gute? Kubwa David Gakunzi ngo n’igitutsi ku Burundi.

VII. Bane bo mu mugambwe CNL barafunzwe kuva ku munsi w’Imana muri komine Mutaho, intara ya Gitega. Aho n’inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL, hamwe n’abo mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD. Bagasaba ukwubahana hagati y’abadasangiye imigambwe.

VIII. Indero ngo niwo mushinge w’amahoro n’iterambere kw’isi yose, ico nico catumye hashingwa umunsi mpuzamakungu wahariwe indero, uhimbazwa kuwa 24 Nzero uko umwaka utashe kuva 2018. Uyo musi ukaba ushitse mu gihe ibice birenga 42% vy’abana bari musi y’imyaka 10, batazi gusoma no kwandika ikirundi, icibagiwe co n’indimi zo hanze. Ivyo bikaba vyashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’indero, bubicishije mu mugambi PAADESCO, ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi. Nk’ukwo vyemezwa n’abigisha ngo ikibazo nyamukuru, n’uko abo bana biga mu bukene bwinshi haba mu miryango yabo eka no kumashure nyene bigako.

Ibindi bisa n'ibi