I. Aba candidats babiri bo mu mugambwe CNDD-FDD, nibo bavugwa ko hagiye gutorwamwo umwe muri bo, na Petero Nkurunziza, mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije. Ariko amakuru yo kwizera radio inzamba ifise, n’ukwo umwe muri abo banugwanugwa, ariwe Pascal Nyabenda soma mbike wa Petero Nkurunziza, yoba ariwe yipfuza cane kumusubirira n’aho akagwi k’abahoze mu kiroberi bo batamukeneye na gato.
II. Mu gikorane c’imisi itatu gitegura ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD, rizovamwo umu candidat w’uwo mugambwe uri ku butegetsi, Petero Nkurunziza aragabisha abakigenzwa n’udutima tubiri muri uwo mugambwe. Aramenyesha ko kwubaha Imana muri uwo mugambwe, bigenda bigabanuka kandi yabakuye habi0
III. Uwuserukira umugambwe CNL, muri zone Kiramira, ya komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke, yaraye akomerekejwe bikomeye n’igisasu ntezwa ntoke, bita grenade, catewe ku muhana iwe. Léonce SINAMUZIGA yaciye ajanwa ubutarariye kuvurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Cibitoke, aho yahavuye yungururizwa mu gisagara ca Bujumbura, kuko yari aremvye cane. Bene gutera iyo grenade ntibamenyekanye. Muri iyo ntara nyene ya Cibitoke, haratowe grenade itaraturika, ku mutumba Kaburantwa wa komine Buganda. Abanyagihugu bo mu Cibitoke basaba reta kwaka ibirwanisho abo bose babifise, batabifitiye uruhusha.
IV. Uwurongoye umugambwe CNL muri komine Butaganzwa, y’intara ya Kayanza, aramaze ukwezi kurenga apfungiwe mu gasho ka commissariat y’igipolisi, mu ntara ya Kayanza. Abegereye umuryango wiwe, basaba ko yorekurwa kuko ata kindi ariko arazira atari ivyiyumviro vyiwe vya politike.
V. Kuri uno wa gatanu, isi yose yahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe indero. Uwo musi ushitse mu gihe mwi’kambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe, muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abavyeyi babandanya basaba ibirasi vy’abana babo baje bava mu makambi y’agateganyo, ya Sange na Kavinvila, kuva mukwezi kwa cumi na rimwe guheze. Abo bana ntibariga mugihe abandi bari mw’ishure. Abo bana baca baja mu bikorwa bigayitse, nkuko umwe mubaserukira izo mpunzi abivuga.
VI. Ishirahamwe CEPRODILIC, ribicishije mu mugambi waryo ADEPE, wishinze gukingira ibidukikije, rihamagarira abarundi kuvavanura n’ikoreshwa ry’ama sachets, aribwo bumwanya, mu Burundi guhera itariki 8 Ruhuhuma uno mwaka, nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo mu 2018. Emmanuel Irumva, umuyobozi mukuru wa CEPRODILIC – ADEPE, avuga ko muri kino gihe, bariko bigisha urwaruka ukungene bashobora gutandukanya aho bashira imicafu y’ubumwanya, hamwe n’imicafu y’amacupa akozwe muma plastique, bakamenya gutandukanya ibibora n’ibitabora.
VII. Umwana umwe yitavye Imana, babiri barakomereka cane, bagonzwe n’imodoka yo mu bwoko bwa Probox, aho ni muri zone Kabuye, muri komine n’intara ya Kayanza. Hari mu gihe abo bana bariko barakinira hafi y’ibarara rya Ngozi-Kayanza. Abana babiri bakomeretse, bakaba bariko baravurirwa ku bitaro bikuru vy’aho mu Kayanza. Abanyagihugu b’aho, bakavuga ko biterwa n’uko abadereva bama bahaca bari ku muvuduko munini. Mukamenya ko hari haciye indwi ziri hagati ya zibiri na zitatu hari abagabo 2 bishwe bagonzwe n’ibimodoka vyo mubwoko bwa Scania, kw’ibarabara rya Kayanza-Ngozi, muri komine Kayanza nyene. Umwe akaba yagongewe ahitwa Ku Muvumu, uwundi mu gisagara ca Kayanza.
VIII. Ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, n’ukuriha abavyeyi babuze uwabo, indishi y’akababaro ingana n’amafaranga imiriyoni 100 , ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yaciriye kuri uwu wa gatanu, Issa Bigirimana yahoze mu gipolisi c’igihugu. Hakaba ari inyuma y’aho yiciye ku mugoroba wo kuw’Imana uheze, umwana w’umuhungu w’imyaka 12, amucumise imbugita. Aho naho hakaba hari muri zone Rukeco, komine Busiga, n’intara ya Ngozi. Mu gihe atoriha iyo ndishi y’akababaro, sentare ikazomucira gupfungwa imyaka 500 y’umunyororo w’agatsindikiro. Sentare yagiriyeko imwaka n’ubwenegihugu.