I. Amafaranga arenga imiliyoni 160 y’amarundi, niyo mafaranga ngo ariko akoreshwa mu bikorane biriko biraba vyatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD, muri iyi misi n’amasaha y’akazi. Ivyo bikiyamirizwa n’ishirahamwe OLUCOME, rigwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta. Gabriel Rufyiri, umukuru wa l’OLUCOME, akavuga ko ayo mafaranga n’uyo mwanya bamara bari mubikorane, ko ari isesagurwa ry’amatungo ya Leta, kandi mugihe abarundi bugarijwe n’ubukene.
II. Mu makuru ajanye n’umutekano hari ikiziga catowe, mw’ijoro ry’uwa gatanu rishira uno wa gatandatu, muri komine Buhinyuza, mu ntara ya Muyinga. Ni mu gihe muri iryo joro nyene, haraye haturiwe ingoro y’umugambwe CNL muri Komine Muruta, mu Ntara ya Kayanza. Nayo mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Kinindo, hatowe inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov.
III. Uyu musi ugize 96 abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bafunzwe. Bafashwe italiki 22 z’ukwezi kwa cumi, umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza bagiye muri komine Musigati, gukora inkuru ku bijanye n’intambara yariko ihuza umurwi w ‘abarwanyi n’abajejwe umutekano. Bagirizwa kwifatikanya n’abahungabanya umutekano w’igihugu
IV. Abigisha b’abakutsakivi, bita aba vacataires mu gifaransa, muri komine Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba, baridoga ko bataronswa agahembo kabo. Bagiriza abayobozi b’amashure, na cane cane abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ko banyuruza amafaranga agenewe guhemba abigisha b’abakutsakivi, aba yarishwe n’abavyeyi. Abo bigisha basaba kuronswa amafranga yabo yo kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze wa 2019.
V. Abagiye ntibazogaruka. Ivyo ni vyo Petero Nkurunziza avuga kubo bagendanye mu mugambwe, ubu bawuvuyemwo bagahunga. Umukuru w’igihugu akavuga ko ivyabaye mu 2015 vyari vyiza, kuko habonetse inyishu yihuta ku ngorane zari zihari. Ivyo yabivugiye i Gitega, kuri uyu wa gatanu wari umusi wa mbere w’amasengesho azomara imisi itatu, yo kugena uwuzomusubirira kwitoza ngo arongore igihugu.
VI. Iyo mvugo ya Petero Nkurunziza, ngo n’ugukora kw’itama abarundi isinzi bari mungorane yabashizemwo, kukaba kandi no kubesha abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, ko yakoze vyinshi. Jérémie Minani avugira urunani CFOR Arusha, abona ko Nkurunziza n’ubu akiriko arigamba kumabi yakoreye abarundi.
VII. Mu kigabane Kw’isoko co kuri uyu wa gatandatu, tugaruka ku mazi y’imyuzurira amaze imisi ahitana abantu n’ibintu mu gisagara ca Bujumbura.