Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/01/2020

Publié le 26 janvier 2020 par Rédaction

I. Evariste Ndayishimiye, niwe yatowe mw’ikoraniro ry’umugambwe CNDD-FDD, kugira aze awuserukire mu matora yo mu 2020. Ahejeje gutorwa, yabwiye abanywanyi b’uwo mugambwe, ko agiye kubandanya gukora yigana Petero Nkurunziza, imboneza ya CNDD-FDD, akanagabisha abaterekwa intumbero y’uwo mugambwe. Evariste Ndayishimiye.

II. Abantu babiri barishwe, 6 barahagarikwa bidakurije amategeko, umwe aranyuruzwa n’abakozi b’iperereza mu ntara ya Cibitoke. Ivyo tubisanga mu cegeranyo ca SOS Torture, gisohoka buri ndwi kuvyerekeye amabi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

III. Impunzi z’Abarundi bahungiye i Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, ziriyamiriza ihohoterwa zikorerwa, ni mu gihe kuri uyu wa gatandatu, hari umukenyezi yakubaguwe n’igipolisi ataburirwako impuzu, amafranga nayo aribwa.

IV. Umuntu umwe niwe yaraye yitavye Imana, abandi babiri barakomereka cane, mu gitero c’abasuma bitwaje ibirwanisho mw’ikambi ya Nyarugusu, irimwo impunzi z’abarundi n’abanyeCongo. Abo basuma bakaba bashaka kwiba kubadandaza babiri, baba muri iyo kambi. Impunzi zigasaba ko HCR yokwongereza umutekano wabo, canke ikabaronderera ikindi kibanza ibashiramwo.

Ibindi bisa n'ibi