I. Urunani rw’amashirahamwe CBDH-VICAR aharanira agateka k’impunzi z’Abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye vyo muri Africa, ruriyamiriza ihagarikwa ry’umwe mu mpunzi z’Abarundi bahungiye i Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniya, asanzwe arongoye urwego rw’umutekano muri iyo kambi, akazira ko yahava avuga abapolisi bakoze amarorerwa mu kwiba no kwica umuntu kuri uyu w’Imana. Urwo runani rugasaba irekurwa vuba bwango, ry’iyo mpunzi kuko ataco izira. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR
II. Abantu babiri nibo bamenyekanye ko bishwe batorwa n’ibiziga mu ndwi iheze. Ivyo biri mucegeranyo kigira 198 c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu ITEKA. Nsabimana Andrée ari mu gisata co kumenyesha amakuru muri uwo muhari, akaba adoma urutoke kuri bamwe mu mbonerakure be na bamwe mu rwego rw’iperereza.
III. Amazi arimwo umuti wica imigera bita Chlore yarashizwe ahari ubwinjiriro bw’ikambi y’impunzi z’abarundi b’i Mulongwe. Ivyo rero ngo ni mu ntumbero yo kugwanya ikiza ca Ebola, kirangwa mu turere turi mu micungararo y’iyo kambi. Impunzi ziba muri iyo kambi zigashima ico gikorwa kije ciyongera ku nyigisho zimaze igihe zihabwa ku kungene zokwikingira ico kiza.
IV. Umuyobozi w’indero mu ntara ya Makamba Sem Nimpaye, ariko arakwiragiza ubutumwa bw’iterabwoba ku bakozi bo muri ico gisata, ko gushika ku munsi w’ejo wa gatatu bazoba bateye umukono kuma fiches yerekana ko binjiye mu runani rw’ama syndicats COSSESONA. Uwutazobikora ngo bazihurira, ivyo bamwe mubarimu bariko bariyamiriza.
V. Amatora yo muri 2020 nta muco n’ubwigenge azoba arimwo kubera ibibazo Uburundi burimwo ubu, bitemera amatora ahurikiyemwo bose. Ivyo biri mw’itangazo ry’umuhari MAP Burundi Buhire. Uwo muhari werekana icokorwa kugira ngo igihugu kive muri izo ndyane bumazemwo igihe, kugira ngo ayo matora abe meza.
VI. Uno musi ugize uwa 99 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira reta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru, abagiriza gukorana n’aba reberi muri ico gitero.
VII. Imyaka 22 irarumanye kuri uyu wa 28 Nzero 2020, uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi Firmin Sinzoyiheba yitavye Imana biturutse kw’isanganya ry’indege. Umumenyeshamakuru Innocent Muhozi yagiranye nawe ibiganiro kuri television akiriho, avuga ko yari umuntu yagwanya amacakubiri afatiye ku bwoko, na cane cane yuko muri ico gihe igihugu cari mu bihe bitoroshe. Kubwa Muhozi arongoye television Renaissance, uyo muhisi yarakwiye kubera akarorero abashikiranganji bose mu gukunda igihugu n’abo barongoye kugira ntibashimishe ababashizeho.
VIII. Amahoro y’uruhendo n’ubwoba bwuzuye mu banyagihugu nivyo birangwa mu Burundi; uko niko icegeranyo c’ishirahamwe IDHB, umugambi wigenga w’agateka ka zina muntu ku Burundi kivyerekana, kandi mu gihe abategetsi bo bemeza ko mu Burundi amahoro yiraye. Umugambi wigenga w’agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, utera akamo amakungu kurabira hafi ibibera mu Burundi, cane cane muri kino gihe himirije amatora.