I. Umwana umwe yaraye apfuye, babiri barakomereka cane, nayo amazu arenga 240 arabomoka bivuye ku myuzurira iturutse ku mvura nyinshi, yaguye kuri uno wa kabiri mu gisagara ca Bujumbura, no mu ntara za Bujumbura Rural na Bubanza. Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira, akaba yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwiteguye gushigikira abo bose bariko bahura n’ibibazo vy’imyuzurira.
II. Leta Y’Uburundi yafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe Cenac, Intercafé, Sogestal na Sodeco yahora akorera mu gisata c’ikawa. Vyashikirijwe na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, kuri uno wa gatatu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku bijanye n’itanguzwa ry’isizeni ry’umwaka wa 2020 ushira uwa 2021.Igituma ngo n’uko ayo mashirahamwe yahora akorera mu gisata c’ikawa, ari yo yatera agahombo abarimyi b’ikawa. Ayo mashirahamwe akaba agiye gusubirirwa n’ikigo ODECA, kijejwe iterambere ry’ikawa mu Burundi.
III. Bamwe mu bigisha n’abavyeyi barereye ku mashuri yo muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, batari mu mugambwe uri ku butegetsi, baranegura inyifato y’uwurongoye igisata c’indero muri iyo komine. Uwo muyobozi akaba aherutse kurarika abarongoye amashure guhimiriza abanyeshure kwitaba ibikorwa vy’umugambwe CNDD-FDD, bitegekanijwe muri iyo komine, mu mpera z’ino ndwi.
IV. Ingingo zo kubuza abanyamigambwe, batavuga rumwe na Leta, gukorera ibikorwa vya politike mu ma komine canke imitumba batavukako, zikora ishano kuko bamwe bapfungwa abandi bakicwa. Vyashikirijwe na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL, hakaba hari kuri uyu wa kabiri, mu nama uwurongoye umurwi ujejwe amatora CENI yagiranye n’abanyamigambwe. Uwo munyapolitike akavuga ko bitumvikana ko ingingo nk’izo zica kubiri n’amategeko yatewe ko igikumu n’umukuru w’igihugu.
V. Biragoye kumenya uno musi nimba Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza avuga amajambo yo guhuma amaso abarundi, canke ko hoba hari abategetsi batamuyoboka. Igitangaje uno musi n’ibiriko biraba mugisata c’indero aho abigisha batifuza kuja mu runani COSSESONA, bariko baraterwa ubwoba, nko mu ntara ya Makamba bahawe ikiringo co kuba bahejeje kwiyandikisha muri urwo runani, kuri uyu wa gatatu. Ikindi abatari bake bibaza n’ububasha bw’umurwi w’igihugu w’agateka ka zina muntu CNIDH, wari uherutse gusaba ko agateka k’abarimu badashaka kuja muri urwo runani kubahirizwa.
VI. Kuri iyo nyifato yo kutubahiriza ijambo rya Petero Nkurunziza, mu runani Forsc rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, babona ko nyabuna ikibazo ari Nkurunziza ubwiwe. Vital Nshimirimana avuga ko ikinyoma, ari co kiranga ubutegetsi bw’uno munsi, ku bwiwe ngo ibikorwa vya COSSESONA, bishigikiwe na leta ya Petero Nkurunziza.
VII. Imyidogo ni myinshi kubakozi b’ibitaro vya Rumonge biturutse ku mafaranga y’agashirukabute bahabwa n’amategeko batarahabwa n’umukuru w’ivyo bitaro, kandi bemeza ko yamaze kuboneka bagasaba leta ko yobatunganiriza.
VIII. Abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerimana, Christine Kamikazi uno musi bararumije imisi 100, mw’ibohero rya Bubanza. Bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Bakaba basabiwe n’uwuserukira reta gufungwa imyaka 15, mu gihe abanonosoye umwuga wo kumenyeshamakuru bobo babona ko abo bamenyeshamakuru bakoze akazi kabo, ahubwo bategerezwa kurekurwa.