I. Abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’abamenyeshamakuru bari mu buhungiro bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi, barungikiye ikete umukuru wa sentare ntahinyuzwa, berekana ko ubutungane bw’Uburundi buriko burakoreshwa n’ubutegetsi. Abo barundi basigura ko bariko barakwirikiranwa kubera bamwe berekanye aho bahagaze muri politike y’igihugu, abandi nabo bazira ko bakoze umwuga wabo. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, kubw’abo barundi, avuga ko bandikiye uyo mutegetsi bamwibutsa ko afise ububasha bwo kurindiriza urwo rubanza kuko hakiri umutekano muke badashobora kwitaba ngo baburane.
II. Abantu barenga imiliyoni zitanu, nibo bazoba bemerewe gutora mu matora ategekanijwe ku wa 20 Rusama, uyu mwaka. Ivyo bitigiri vyamenyeshejwe n’umugwi utegura amatora CENI kuri uno wa mbere, aho wariko urashikiriza urutonde ntabanduka rw’abazokwitaba amatora. Pierre Claver KAZIHISE arongoye CENI, amenyesha kandi ko bamwe bamwe mubazokwitoza baserukira imigambwe bamaze kumenyekana. Pierre claver KAZIHISE, asaba n’abazokwitoza ku giti cabo ko bokwimenyekanisha vuba.
III. Pierre claver KAZIHISE arongoye umurwi CENI, yakuyeho amakenga ari mu ngingo y’133 iri mw’itegeko rigenga amatora, ingingo imenyeshako atawitoza ku rutonde rurenga rumwe canke akitoza mu ma komine canke mu ntara irenga imwe.
IV. Hari ikiziga c’umugabo atamenyekanye uwariwe catowe ku musi wa gatandatu ahitwa kw’irongero mu gisagara ca Gitega. Ico kiziga kigize kane, mu biziga bimaze imisi bitorwa aho mu ntara ya Gitega, bamwe mu bicwa bakaba batorwa baciwe imitwe nkuko tubibwirwa n’uno munyagihugu araho mu gisagara ca Gitega, agasaba ko abo bica abantu bomenyekana abari bo.
V. Uwurongoye ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari, avuga ko abadandaza banyegeza isukari bakaduza ibiciro uko bashatse bagiye guhanwa, yabishikirije kuri uno wa mbere mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Ni mu gihe yariko arashikiriza ingene urudandazwa rw’isukari rwagenze, kuva mu kwezi kwa mbere mu 2019 gushika mu kwa mbere kw’uno mwaka w’ 2020.
VI. Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi bwafashe ingingo zitari nke inyuma y’aho hatereye indwara mugihugu c’Ubushinwa iterwa n’umugera coronavirus, imaze guhitana abantu barenga amajana atatu. Muri izo ngingo, harimwo ko abashinwa bakora mu Burundi ariko ubu bari mu karuhuko iwabo, kuba baragumyeyo, be n’uko abarundi boba bipfuza kugira ingendo muri ico gihugu kuba barabangiriye. Lee Chang Lin aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi
VII. Uno munsi ugize uwi 105 bangenzi bacu bane b’ikinyamakuru Iwacu bari mu buroko. Bakaba baherutse gukatirwa Umunyororo w’imyaka 2 n’amezi 6 hamwe n’ihadabu y’umuliyoni umwe ku muntu umwe umwe. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu be n’ay’abamenyeshamakuru yarababajwe n’iyo ngingo kuko ari iyibandanya ihonyanga ubwigenge bwo kumenyeshamakuru.