I. Ubumwe, ni iragi rya ba sokuru, abarundi bakwiye kugendera. Vyamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu ntumbero yo kwibuka imyaka 29 hemejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko imbere y’umwaka wa 2005, abavuga ubumwe bw’abarundi bayeyemvya, bagatekera amazi mu rukangaga ari navyo vyatumye haba indyane kandi haremejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi.
II. Ku bwa Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe na reta, amenyesha ko ahubwo Nkurunziza ariwe yasambuye ubumwe bw’Abarundi mu kwita bamwe abanyagihugu, abandi abanegihugu, kugira yerekane ko abarundi batangana.
III. Nibwo bwa mbere Uburundi bugira buje mu matora hari umutekano kuri bose. Ukwo niko Petero Nkurunziza abivuga igihe yariko araremesha inama kuri ba Buramatari b’intara zose z’Uburundi, mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa kabiri. Ariko rero abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ari ikinyoma cambaye ubusa, mu gihe hadasiba gutorwa ibiziga mu mabarabara, abandi bakanyuruzwa bikozwe n’abakozi b’iperereza.
IV. Faustin Ndikumana ntahakana canke ngo yemeze ko yoba ashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Uwo arongoye ishirahamwe PARCEM, yasohoye igitabo kirimwo uko abona umugambi w’iterambere rya kazoza k’igihugu c’Uburundi. Yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri.
V. Urubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kuri uno wa kabiri rwumvirijwe muri sentare ntahinyuzwa ya Bujumbura. Umushingwamanza aburanira Bernard Busokoza ni we wenyene yitavye, akaba yashikirije inzitizi z’uko ata dosiye y’uwo aburanira afise, kandi uwo aburanira ari mu buhungiro co kimwe n’abandi bose basangiye dosiye. Urwo rubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero.
VI. Abantu indwi bo mu muryango umwe harimwo Serugo, umukenyezi wiwe n’abana babo batanu, nibo baraye bitavye Imana, uwundi mwana umwe arakomereka bakubiswe n’inkuba mw’ijoro ryakeye ku mutumba Nyarunazi, uri muri komine Buhinyuza, ni mu ntara ya Muyinga. Nk’uko abajejwe intwaro bavyemeza, umwana umwe muri uwo muryango w’abantu umunani yashoboye kurokoka. Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, abajejwe intwaro bafadikanije n’igipolisi kijejwe gukinga impanuka bakaba bariko bagerageza gukura ivyo biziga mu bisigarira vy’inzu nayo nyene yahiye igatokombera. Hari haheze ukwezi kurenga gato, abandi bantu batandatu bakubiswe n’inkuba ku mutumba Higiro, muri komine Gasorwe, umwe aritaba Imana, abandi 5 barakomereka.
VII. Abantu batandatu barishwe, muri abo 5 batorwa ibiziga, abarenga 33 bahagarikwa hadakurikije amategeko mur’ino ndwi iheze. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka gisohoka buri ndwi. Ligue Iteka ikavuga ko abakekwa gukora ayo mabi, ari bamwe mu mbonerakure, hamwe na bamwe mu bakorera urwego rw’iperereza. Andrée Nsabimana ajejwe gutanga amakuru muri Ligue Iteka.
VIII. Uno munsi wa kabiri ugize umunsi ugira uw’106 abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Ku munsi wa kane w’indwi iheze sentare nkuru y’igihugu i Bubanza yabaciriye umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ingana n’umuriyoni umwe umwe. Tubibutse kw’abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza aho bari bagiye gutohoza ku bijanye n’ingwano zariko zihuza abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano muri komine ya Musigati. Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
IX. Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, burahamagarira abarundi bose kuba maso, no kumenyesha vyihutirwa aho hose bobona udukoko twitwa inzige, tumaze iminsi tugisibije mu bihugu bimwe bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, Déo Guide RUREMA umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko Uburundi buza bwarafashe ingingo zo kurwanya inzige harimwo gutora izo nzige mu mirima bakazifungura mu gihe zoshika.