I. Abigisha bahurikiye mu kigega gifasha abarimu mukuronka uburaro FLE, baridoga ko batagifise uburenganzira bwo kuvamwo nkuko amategeko abibarekurira. Bakavuga ko bashaka kuvayo kubera batakironswa ingurane nkuko bavyemererwa imbere yo kwinjira, bakaniyamiriza iduzwa ry’intererano muri ico kigega yadugijwe incuro 2, abanywanyi bose batagishijwe inama. Victor Ndabaniwe arongoye ico kigega, arahakana ivyo abarimu bagiriza ico kigega, akemeza ko n’uyu musi abarimu bagifise uburenganzira bwo kuvamwo badashimye.
II. Impunzi ziba mw’ikambi ya Nakivale, mu gihugu ca Uganda, mu kibanza c’ibifungurwa uko ukwezi gutashe, bagiye kuzohora baronswa amafranga. Bamwe mu mpunzi z’abarundi baba muri iyo kambi barashimishwa n’iyo ngingo y’ishirahamwe HCR. Bavuga ko biheza bigatuma bafungura ivyo bifuza, bakuye mu kaguriro.
III. Abantu barenga 10 baramaze kwemeza ko bazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije. Umuhari MAP BURUNDI BUHIRE, wamye uvugako udashigikiye ayo matora ; ubonako ubwinshi bw’abo bantu bwerekana ko hari ubusuma bw’amatora bwateguwe imbere y’igihe. Abazokwitoza ngo bashobora kugurwa n’umugambwe uri ku butegetsi ushaka gutsinda amatora. Libérât Ntibashirakandi niwe avugira umuhari MAP BURUNDI BUHIRE.
IV. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yafuswe ku ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, yarunguruje ku wrubanza ruherutse gucibwa na sentare y’akarere ka Africa y’ubuseruko. Ayo mashirahamwe abona ko Sentare y’akarere ka EAC yatahuye nabi ukwo ibintu vyagenze n’ico itegeko ryo mu 1992 riraba amashirahamwe adaharanira inyungu za politike rivuga.
V. Ishirahamwe ACAT BURUNDI ririyamiriza ingingo yafashwe n’ubutungane ku bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU. Ivyo biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa Nzero uyu mwaka w’i 2020. Iryo shirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu rikaba ryashize ahabona ibikorwa vy’ubwicanyi, ukunyuruza n’ukuborez’igufa abadasangiy’ivyiyumviro vya politike n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Abadomwako urutoke kur’ayo mabi, akaba ari Imbonerakure, bamwe mu bakozi b’iperereza, bamwe mu bapolisi n’abasirikare, bafadikanije na bamwe mu bajejwe intwaro. Jean Claude NTIBURUMUNSI ajejwe igisata c’amategeko mw ishirahamwe ACAT BURUNDI.