I. Umuntu umwe yaraye yishwe, arashwe ku muhingamo wo kuri uyu wa Mungu uheze, uwundi arakomereka muri zone Magara, ya komine Bugarama mu ntara ya Rumonge. Umwe mu bakekwa kuba barakoze ubwo bubisha ari mu minwe y’inyamiramabi. Mu ntwaro, baremeza ayo makuru bakavuga ko amatohoza akibandanya.
II. Abahoze batwara Uburundi batahawe uburusho nk’ubwahawe Petero Nkurunziza, bazize ubwoko bwabo bw’abatutsi naho leta ya CNDD-FDD yo yavuze ko abatazohabwa uburusho ngo batatowe n’abanyagihugu. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu, n’umugambwe Imbogora Burundi PARENA. Aho n’inyuma yaho inama nkenguzamateka y’Uburundi, iherutse kwemeza itegeko rigenga uburusho buzohabwa Petero Nkurunziza, niyo yaheza ikiringo ciwe. Zenon Nimubona arongoye uyo mugambwe, akavuga ko na Petero Nkurunziza atarakwiye kuronka Uburusho kubera nawe nyene yagiye ku butegetsi aruko habanje kujaho amasezerano y’amahoro y’i Arusha, ayo nayo kandi akaba arwanya cane ikumira ryose mu Burundi.
III. Akarere kagize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ngo karahemukiye abarundi mu kunanirwa ibiganiro vyotuma amasezerano ya Arusha yubahirizwa mu Burundi. Ivyo bivugwa na Jeremie Minani, avugira CFOR ARUSHA, inyuma y’aho ibiro vy’umunyamabanga wa EAC bitangarije ko hagiye kuzoba intumwa z’uwo muryango zizoja gucungera amatora mu Burundi. Jeremie minani avuga ko ivyo atawe vyotangaza, naho asaba abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango kudashigikira amatora akumira ariko ategurwa n’umugambwe CNDD-FDD, mu Burundi.
IV. Amazu adandaza amafaranga y’agaciro ngo ategerezwa kuba yose yugaye kuva kw’igenekerezo rya cumi na gatanu (15) za kuno kwezi. Ivyo bishikirizwa na Jean Ciza, arongoye ibanki nkuru y’igihugu, kuko ngo abadandaza banse gushira mu ngiro ivyo bari bumvikanye na Banki nkuru y’igihugu, kubijanye n’itegeko rigenga ingene amafaranga y’agaciro avunjwa. Abo badandaza ngo bishingira ibiciro vyo kuvunja uko bishakiye. Ivyo navyo ngo biciye kubiri n’amategeko.
V. Kuva kuri uyu wa Mungu, harakoraniye hariya ADDIS ABEBBA, muri Ethiopia inama igira iya 33, y’abakuru b’ibihugu vya Africa. “Kurandurana n’imizi ingwano muri Africa”, akaba arico civugo nyamukuru c’iyo nama. Muri iyo nama, hakaba harashinzwe kandi ikigega c’iterambere muri Africa.
VI. Ibihori vyabonetse muri Kabezi, ngo n’ibihori bitandukanye n’ibimaze imisi vyibonekeza mu bihugu vy’akarere k’ubuseruko nka Kenya, Sudani yo mu bumanuko na Ethiopia, kandi vyovyo ngo ntibiribwa. Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Jean Claude Mbarushimana, asaba abazobibona kubiturira canke kubihamba. Abivuze inyuma yaho ku rubuga ngurukanabumenyi, hari amasanamu yerekana ibihori vyinshi muri Kabezi mu ntara ya Bujumbura.
VII. Faustin Ndikumana, umuhinga yanonosoye ibijanye n’ubutunzi, kuri uno wa mbere, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yerekanye intambamyi ikiza corona virus, iherutse kwibonekeza mu gihugu c’ubushinwa gifise, kubijanye n’ubutunzi mu bice bitandukanye hirya no hino kw’isi. Akavuga ko kuva ico kiza giteye, hamaze kwibonekeza uruhombo runini kw’isi mu bijanye n’ubutunzi.
VIII. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara kw’isi rivuga ko ribandanya guterwa impungenge n’ikiza Coronavirus, kibandanya kwiha inkumbi, aho ubu abantu bagera kuri 900 bamaze gupfa, nayo abagera ku bihumbi 40, barafatwa na coronavirus. Ibihugu bitari bike bikaba biriko birafata ingingo zidasanzwe kugira bikingire abanyagihugu bavyo. Ico kiza kikaba catanguriye mu gihugu c’ubushinwa mu kwezi kwa 12, umwaka uheze. N’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika naryo, ntiryasigaye inyuma.
IX. Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryaratangujwe kuri uyu wa Mungu mw’ikambi ibamwo impunzi z’abarundi, y’i Mulongwe muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo. Iryo higanwa ryatunganijwe n’urwaruka mu ntumbero y’ukubandanya bafatana mu nda, n’ukugira hatorwe umurwi uzoza uraserukira iyo kambi mu yandi mahiganwa abera hanze y’ikambi.