I. Abanywanyi 6 b’umugambwe CNL muri zone RUSHIBIJE, komine NTEGA, mu ntara ya KIRUNDO, barafungiwe mu gasho ka brigade y’igipolisi. Abo ba CNL bakaba bahagaritswe kw’itegeko ry’umukuru wa zone RUSHIBIJE, inyuma y’imishamirano yabaye hagati yabo n’imbonerakure ku munsi w’Imana.
II. Abanywanyi b’ umugambwe CNL barenga 70 nibo bapfungiwe mw’ibohero rya Ngozi kuva mu mpera z’umwaka wa 2019. Uwurongoye uwo umugambwe mu ntara ya Ngozi, amenyesha ko abo banywanyi ba CNL bagiye barafatwa bavuye kwugurura ingoro z’umugambwe mu ma komine atandukanye, aho baca bategererwa n’urwaruka rw’imbonerakure, bamaze gutana mu mitwe bagaca bafatwa. Uwo arongoye umugambwe CNL mu ntara ya Ngozi, asaba ubutungane kwikubita agashi bakabarekura abo banywanyi babo.
III. Umwe mu bagandaguye umudandaza Celestin Ndamashinze, ku muhingamo wo ku munsi w’Imana uheze, yamenyekanye ubu akaba ari mu minwe y’inyamiramabi. Yitwa Joseph Ntirampeba, batazira Birara akaba yarigeze gufungwa yagirizwa urupfu rw’uwahoze ari icegera c’uwurongoye OLUCOME, Ernest Manirumva. Munyuma yararekuwe aca aguma akoreshwa mubwicanyi butandukanye nk’uko biri mu matohoza y’isekeza Ndodeza.
IV. Icegeranyo c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka co muri ino ndwi iheze, cerekana ko abantu 5 aribo bishwe, kandi bose bakaba biciwe mu ntara ya Rumonge. Harakozwe n’ubundi bugizi bwa nabi, abatungwa agatoke akaba ari abapolisi be n’imbonerakure. Andrée Nsabimana ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka.
V. Umutekano w’impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu ca Zambia urabangamiwe, n’abantu bivugwa ko barungikwa la Leta y’ico gihugu. Abo bantu bakaba basuka ivyuka bisinziriza mu mazu y’izo mpunzi kugirango bazigirire nabi ; babiri bakaba bamaze kwitaba Imana kubera ivyo vyuka. Ubwo bugizi bwa nabi bukaba bumaze indwi zitatu.
VI. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, zibandanya guterwa ubwoba ngo zitahe ku nguvu, ni mu gihe hasubiye kwibonekeza ingingo zikomeye, aho mu masoko hibonekeza abaporisi bo muri ico gihugu babandanya gukubita abantu bababuza kudandaza. Mwomenya y’uko mu ntango z’uno mwaka, abarongoye ama zone muri iyo kambi, bagirishijwe ama nama yo guhimiriza abo barongoye, gutahuka. Aho bamwe muri bo bakoresha iterabwoba kuri izo mpunzi, bakamenyesha y’uko itariki 1 y’ukwezi kwa 4 k’uno mwaka, impunzi zose zizoba zatashe.
VII. Ishirahamwe OLUCOME rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, riramirira kure ingingo yaraye ifashwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB yo kwugara amazu adandaza amafaranga y’agaciro. Kubw’iryo shirahamwe, ngo igituma ayo mafaranga atakiboneka, n’ukwo igisata c’ibidandazwa bishorwa hanze nk’ikawa, kitacitaweho na leta be n’ubusuma buvurwa mw’ishorwa ry’amabuye y’agaciro. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.
VIII. Ukwo umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma, isi yose irahimbaza umusi wahariwe umurwayi. Uhimbajwe mu Burundi mugihe Syndicat yitaho abarwayi CEMABU, ishima akigoro ka leta mu kuvuza kubuntu abana bari musi y’imyaka itanu, n’abakenyezi bibungenze. N’aho biri ukwo, Sylvain Habanabakize avugira iyo syndicat, aradomako urutoke ku baganga b’abahinga bavura nabi nabi mu bitaro vya leta, bakitaho aho bakorera bigenga. Sylvain Habanabakize yabivugiye kuri Radio Isanganiro.