Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/02/2020

Publié le 13 février 2020 par Rédaction

I. Igenekerezo rya 13 ruhuhuma Uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe i radiyo. Athanase Karayenga, inararibonye mu vyo kumenyesha amakuru, avuga ko naho ubutegetsi bw’Uburundi bwaburabuje ibinyamakuru n’amaradiyo, bwihenze kuko Abarundi baguma bumviriza ayo maradiyo y’abamenyeshamakuru bahunze, kandi bakaronka amakuru yizewe kandi atomoye.

II. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, barakwije kuri uno wa kane, iminsi 115 bafungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare y’igihugu yo mu ntara ya Bubanza, umudereva yarejejwe n’iyo sentare. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, yari Parfait Muvunyi umukuru w’intahe, Ihuwitonze Eric, hamwe na Kaneza Clarisse asanzwe arongoye sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza, Jean Marie Vianney Ntamikevyo, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15.  Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu umwaka uheze. Bahagaritswe bagiye gutohoza amakuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho, n’abajejwe umutekano. Abamenyeshamakuru 4 ba Iwacu, bagirijwe gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu n’aya bamenyeshamakuru yaba ayo mu Burundi, na mpuzamakungu ntibasiba gusaba na ntaryo irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru, aho bavugako ata kindi bariko barazira atari umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

III. Abadandaza 2 barapfungiwe mw’ibohero rya commissariat ya komine Kayogoro, kuva ku musi wa gatandatu. Bagirizwa gukoresha ibintazi mu rudandazwa rwabo, nkuko bavyagirizwa n’imbonerakure zabahagaritse zibanje kubahohotera. Abanyagihugu bo muri komine ya Kayogoro basabira abo badandaza kubarekura, kubera izo mbonerakure zidafise ububasha bwo guhagarika abanyagihugu na cane cane ko ata n’ivyemezo bigeze berekana.

IV. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uratera akamo  umushikiranganji ajejwe  ubutungane ngo afata mu minwe ikibazo c’umukenyezi Aline n’umwana wiwe, bafunzwe kubera akarenganyo. Marie Louise Baricako arongoye uyo muhari, agahamagarira abavyeyi bose cane cane abakenyezi, kuvugira Aline n’umwana wiwe Nganji, kugira barekurwe. Ivyo akabivuga inyuma y’isekeza ryiswe rya Ndondeza ‘’Rekura Nganjiyimana’’ ryo kwerekana akarenganyo kariko karagirirwa umuryango wa Théogène NDIKUMANA, umunyamabanga w’umugambwe CNL, muri komine NYABIRABA, y’intara ya Bujumbura.

V. Muri ino minsi, ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bahungira mu gihugu ca Ouganda bibandanya kwiyongera. Ivyo bimenyeshwa na Frederiko Ndayisenga, aserukira impunzi muri ico gihugu akaba amenyesha ko ibitigiri vyabo atarakimenya. Akavuga ko haba abashikira mu bisagara, canke mw’ikambi y’i Nakivale, bose baronswa ivyangombwa bibaranga nk’impunzi. Uyo aserukira impunzi akemeza ko abo bahunga bava mu ntara zose z’igihugu, na cane cane intara za Muyinga na Ruyigi.

VI. Igituma abarundi batari bake babandanya bahunga ngo biva kuri Reta ya Petero Nkurunziza, kuko yigisha abanyagihugu ko igihe c’amatora ari igihe c’uruhagarara. Ivyo bikavugwa na Léonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu. Ngendakumana akavuga kandi ko hariho uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL, arico gituma abahunga babandanya biyongera.

VII. Abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, basabwa kutagira ubwoba ahubwo bagakomeza urugamba rwo guharanira igihugu kirangwamwo amahoro n’umutekano kuri bose. Ako n’akamo bategwa na Aimé Magera, umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL. Ivyo akaba abivuze mu gihe abanywanyi ba CNL babandanya guhagarikwa mu gihugu, abandi nabo bagapfungwa. Ku bwiwe ngo naho abanywanyi babo babandanya kuburabuzwa, ntibarota baheba urugamba batanguye kuva kera. Akavuga ko abanywanyi babo bariko bahohotegwa, kubera babona ko biteguriye guhindura intwaro ya CNDD-FDD.

VIII. Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, baratekewe n’ubwoba biturutse ku gatotezo bakorerwa n’imbonerakure bakingiwe ikibaba na bamwe mu bapolisi ba Tanzaniya. Basaba ishirahamwe HCR kubakingira.

Ibindi bisa n'ibi