Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/02/2020

Publié le 19 février 2020 par Rédaction

I. Inyandiko n’ibimenyetso vy’umugambwe CNL ku ngoro y’uwo mugambwe, muri komine Busoni y’intara ya Kirundo, vyaraye bisibanganijwe n’abantu bataramenyekana. Abanywanyi b’uwo mugambwe bagiriza ubwo bugizi bwa nabi, imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bavuga kandi ko ivyo bigaragaza ukutihanganirana mu vya politike. 

II. Hari ikiziga c’umugabo catowe kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Gasenyi wa komine Buyengero, intara ya Rumonge. Ababanyi biwe bakamenyesha ko hari haheze iminsi atashe, ava muri repubilika iharanira demokarasi ya Congo, aho yari yarahungiye mu mwaka wa 2015. Mu ntara ya Kayanza naho, umusore w’imyaka 19 yarapfuye, bikavugwa ko yiyahuye ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri.

III. Igisata ca Leta giharanira intwaro rusangi muri Congo, gifadikanije n’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, batanguje igikorwa co kwagura ikambi y’impunzi z’abarundi, i Mulongwe, mu ntumbero yo kuronsa uburaro impunzi zose ziba muri iyo kambi, no gushobora kwakira izindi mpunzi zoramuka zije muri iyo kambi. Igikorwa co guca amabarabara caratanguye, hakaba hategekanijwe kwubaka ibibanza bishasha vyo kwakiriramwo impunzi zigera ku bihumbi bitanu.

IV. Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mutendeli, muri Tanzaniya, ziridoga kubera hari abantu bariko barahitanwa n’indwara, kubera ubukene bw’imiti burangwa muri iyo kambi. Amakuru dukura muri iyo kambi, avuga ko imiti itaboneka aha nini ari iyivura indwara ya malaria, hamwe n’imiti y’abana. Izo mpunzi zikaba zisaba ishirahamwe HCR, kubagarukirako kubera ingorane yo kubura imiti.

V. Itotezwa ry’abanyororo bafungiwe imvo za politike, ryaribonekeje mw’ibohero rikuru rya Mpimba, muri kuno kwezi kwa mbere. Ivyo biri mucegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi, ryiyemeje gushira ahabona ubuzima bubi n’ihonyangwa ry’amategeko y’abanyororo vyibonekeza mu mabohero amwe amwe. Abadomwako urutoke, ni bamwe mubafungwa bari mu mugambwe uri ku butegetsi, basanzwe bari mubacunga umutekano w’ayo mabohero, bivugwa ko bakorana n’igipolisi hamwe n’abajejwe amabohero. 

VI. Umuhari MAP Burundi buhire, ntutangajwe n’ukubona Reta y’u Burundi yankira abanyepolitike bamwe bamwe gutahuka mu gihugu cabo, abandi ikabemerera kuko yama ishira imbere aka mwana wa mama. Ivyo bishikirizwa n’umuvugizi w’uwo muhari Libérat Ntibashirakandi. Kubw’uwo muhari, icihutirwa si amatora, ahubwo n’ugutorera inyishu ingorane zihanze igihugu c’u Burundi. Tubibutse ko hari abanyepolitike b’abarundi bari mu gihugu ca Uganda, harimwo n’uwahoze arongoye  umugambwe CNDD-FDD, Jérémie Ngendakumana, bankiwe na Reta y’u Burundi gutahuka.

VII. Igice ca mbere c’umwimbu w’agatasi umwaka 2020, ngo wagenze neza muri rusangi, nkuko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ibidukikije. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Déo Guide Rurema, arongoye ubwo bushikiranganji, aragabisha abadandaza bahenda abarimyi mu kubagurira ku mafaranga make ivyo baba bimbuye, baheza bakikika mu kiza mu guca babigurisha mu bindi bihugu.

Ibindi bisa n'ibi