Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/02/2020

Publié le 22 février 2020 par Rédaction

I. Iyo umushikiranganji ashikirije inama nshingamateka integuro y’itegeko irimwo amakosa, abashingamateka baca basaba umushikiranganji gusubiza inyuma iyo nteguro y’itegeko, kugira isubire yigwe neza na Leta. Ivyo bishikirizwa na muganga Jean MINANI, yahoze arongoye inama nshingamateka y’Uburundi. Ni mu nyuma y’aho umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine KANYANA, ashikirije, kuri uyu wa kane, abashingamateka, integuro y’itegeko rishinga uburusho ku mukuru w’igihugu, icegera ciwe n’umushikiranganji wa mbere, hakurikijwe ibwirizwa shingiro rishasha. Umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA, ntiyamenyesheje ubwo burusho uko bungana. Ngo hagiyemwo kwihenda.

II. Abasirikare b’abarundi basaba bashimitse ibiro bikuru vya gisirikare kuva mu gacerere, bakavuga kw’inyuruzwa ry’umusirikare Joseph Mushimantwari yarokotse mu gitero cabaye I Marura muri komine ya Mabayi, muri Munyonyo 2019. Uyo musirikare akaba yanyurujwe kuwa 19 Ruhuhuma uno mwaka mu ntara ya Kirundo. Abo basirikare bakababazwa n’uko ababarongoye ata matohoza yigera akorwa iyo umusirikare yanyurujwe, kandi ababikora aha nini ari abo mu rwego rw’iperereza ry’igihugu.

III. Ndikuriyo Felix, niwe munywanyi wa CNL yaraye yitavye Imana mu gasho ka komine Mubimbi, aho yarapfungiwe. Aimé Magera, umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL, yagiriza bamwe mu bategetsi mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, bavuka muri iyo ntara ya Bujumbura, ko bagomoye imbonerakure muco yita uruhigi rwakorewe abanywanyi ba CNL, Félix Ndikuriyo akaba yoba yahitanwe n’ihohoterwa yakorewe nk’uko vyemezwa na Aimé Magera.

IV. Mu kigabane « Kw’isoko » c’uno musi, tubabwira ingene inzige zateye akarere karimwo Uburundi zishobora kurwanywa.

Ibindi bisa n'ibi