I. Ibikoresho vy’abamenyeshamakuru Amisi KARIHUNGU na Arthur KAVABUSHI, vyarafashwe n’icegera c’uwurongoye igendereza mu ntara ya Gitega. Blaise Ngomirakiza, icegera c’uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega, yanyaze izo telephone z’abo bamenyeshamakuru, hamwe n’iz’ abanyepolitike Tatiano SIBOMANA na Deogratias BIZINDAVYI, bo mu mugambwe UPRONA, basanzwe bavuka muri iyo ntara, hari kuri uyu w’Imana. Uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega, ari kumwe n’uyo arongoye iperereza, bari bemeye ko bazishikiriza kuri uyu wa mbere, ariko ntivyabaye. Icegera c’uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega, Blaise NGOMIRAKIZA akaba atari ubwambere yaka abamenyeshamakuru ibikoresho vyabo. Tubibutse kandi kuno wa mbere ugize umunsi ugira uwa 126, abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu bafungiwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bubanza.
II. Abanyagihugu barenga cumi, harimwo umupolisi baritavye Imana, abandi babiri barahagarikwa inyuma y’igitero c’abantu bitwaje inkoho batarameneyekana, cabaye ku mutumba Raro, muri komine Nyabiraba, intara ya Bujumbura, kuri uyu w’Imana nkuko vyemezwa n’abajejwe intwaro. Kubwa Vital Nshimirimana, yanonosoye ibijanye n’amategeko, akaba anarongoye urunani FORSC, ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, ng’ubwo n’ubwicanyi ndengera butungane, kubona abantu bicwa umushikirizamanza wa Repubilika muri iyo ntara arorera.
III. Umuntu umwe yaraye yishwe, uwundi arakomereka mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho. Amakuru ava mu gipolisi, amenyesha ko hari igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro, ku mutumba Mahango, muri komine ya Matana, aho umugwi w’abantu 4 bataramenyekana bafise inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov, barasa abantu bariko barataha. Uwitwa Niyongabo Eric, yaciye yitaba Imana ubwo nyene, mugenziwe Ingabire Innocent arakomereka, ubu akaba ariko aravurwa. Igipolisi kikaba kimaze guhagarika abantu 6 harimwo n’uwurongoye umutumba Mahango kumvo z’amatohoza. Abo bantu babiri barashwe ngo boba ari imbonerakure.
IV. Abanywanyi 3 b’umugambwe CNL muri zone Kinyinya, mu ntara ya Ruyigi, barahagaritswe n’igiporisi barikumwe n’abajejwe intwaro kuri uyu wa Mungu. Bakaba bagirizwa kuba bariko baravyina indirimbo zihayagiza uwo mugambwe, ivyo abarongoye CNL muri iyo ntara bahakana.
V. Urunani CBDH-VICAR rusaba Leta ya Tanzaniya kureka impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu zikabaho zidegemvya, kandi n’umutekano wazo ukubahirizwa. Aho ni mugihe hamaze kunyuruzwa abantu bagera kuri batanu, mu kiringo c’indwi imwe gusa, mu ma kambi y’i Nduta na Nyarugusu. Kubwa Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, impunzi zirahohoterwa rwose, iyo hageze ko haba abiyandikisha kugira batahe kugushaka kwabo. Ku bwiwe ngo ni amayeri yo kugira hiyandikishe benshi batahuka.
VI. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, zasubiye gukora amarondo yo mw’ijoro. Ivyo bikaba vyaturutse ku bantu bitwaje ibigwanisho, bari bagize iminsi bibonekeza muri iyo kambi, be n’ubusuma bwabaye ndanse. Iyo ngingo ikaba yafashwe ku munsi wa gatandatu, inyuma y’inama yahuje abarongoye ama zone yose agize iyo kambi.
VII. Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, nta cizere utanga ku banyamigambwe bazokwitoza kubijanye n’iyongerwa ry’ikiringo co gutanga ama dosiye yabo. Mu kiganiro umukuru w’uwo mugwi Pierre Kazihise yaremesheje kuri uyu wa mbere, yasiguye ko abanyamigambwe bategerezwa kwisunga amategeko ari mw’itegeko rigenga amatora, Code électoral. Yongeye kandi arabamenyesha ko n’amafranga y’ingwati angana n’imiliyoni 30, ategerezwa kurihwa mu kwuzuza ibisabwa mu kwitoza.
VIII. Ibarabara ry’indarayi ngo risaba ibintu vyinshi vya nkenegwa kugira ngo ryubakwe. Ngo kugira rijeho hasabwa na cane cane amafaranga menshi, kandi igihugu kiri mu ngorane z’ubutunzi. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu bijanye n’umuyagankuba akaba n’umwigisha muri kaminuza y’i Liège mu Bubiligi, Albert Nsengiyumva. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API, gishikirije ko camaze kuvugana n’abagwizatunga bo mu mahanga kugira bubake ibarabara ry’indarayi rizova muri Congo, rifatanye Uburundi na Kigoma muri Tanzaniya. Ku bwiwe, iryo barabara bizogarana ko Uburundi burironka kubera rikoreshwa n’umuyagankuba mwinshi, uwo nawe mu Burundi akaba atawo bafise.
IX. Uyo muhinga arongera akavuga ko, kugira iyo migambi Uburundi bushobore kuyishikako, abarongoye igihugu borondera ukuntu igihugu cosubira kwizigirwa mu makungu, kugira abanyamitahe n’ibindi bihugu bifashe Uburundi gushika kuri iyo migambi.