I. Ishirahamwe FOCODE rirababazwa n’ifubwa rya Félix NDIKURIYO, umuryango n’abagenzi biwe batamukubise ijisho. Ivyo bikaba vyakozwe n’abajejwe intwaro muri komine MUBIMBI, y’intara ya Bujumbura. Iyo ndongozi y’umugambwe CNL akaba yari yahagaritswe n’igipolisi, mu nyuma apfira mu gasho yarafungiwemwo.
II. Ubushikiranganji bw’umutekano buremeza ko abanyagihugu bishwe muri komine ya NYABIRABA, ku musi w’Imana, bari mu mirwi y’inkozi z’ikibi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, yamenyesheje ko abishwe bagera ku mirongo ibiri na babiri, mu nkozi z’ikibi, n’abapolisi babiri bahasize ubuzima, harafatwa n’ibirwanisho. Mu gusigura ubwicanyi buba mu gihugu, Pierre NKURIKIYE amenyesha kandi ko abantu kubera ibihe vy’amatora vyimirije, bibatwara inkozi z’ikibi zikika mu kiza muguhungabanya umutekano. Mwomenya ko abo bivugwa ko bishwe bari bafashwe n’inzego z’umutekano imbere y’uko bicwa, nk’uko vyashikirijwe n’abaharanira agateka kazina muntu.
III. Abantu 6 nibo bagandaguwe mu ndwi iheze yo kuva kw’igenekerezo za 17, gushika kw’italiki ya 23 kuno kwezi, harakorwa n’ubundi bugizi bwa nabi. Bikaba biri mu cegeranyo c’umuhari Ligue Iteka. Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD be na bamwe mu bapolisi akaba aribo batungwa agatoke. Andrée Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo muhari.
IV. Abanyeshure batatu b’abarundi bahungiye mu gihugu c’u Rwanda, baronse amanota meza ku rwego rw’igihugu, mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashure ya Kaminuza. Abo banyeshure bari mu baba mw’ikambi ya Mahama no mu bisagara bitandukanye vyo muri ico gihugu cabahaye ubuhungiro.
V. Impunzi z’Abarundi bahungiye mu ma kambi ya Mulongwe na Lusenda, mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi, ziriko zihabwa imfashanyo babanje kurabwa amakanda y’intoke. Ivyo HCR ibikoresha kuko hamaze kwibonekeza abayironswa bagaca bisubirira mu Burundi canke bataba mu makambi.
VI. Abakozi b’ishirahamwe Afritextile ryahoze ari COTEBU, bazindutse bahagarika akazi kuri uno wa kabiri, intandaro ikaba yari ingingo yo kubashira mu karuhuko k’amezi atanu, ingingo yagira ishirwe mu ngiro abakozi batabizi. Umwe mu bakozi b’iryo hinguriro rikora impuzu, yaganiriye na Radio Inzamba avuga ko baguye mu gahundwe mu gihe bari bahejeje kuronswa amakuru ko batarekuriwe kuronswa ingurane mw’i Banki, kuri iyo mvo batari bwanamenyeshwe icese. Ikibazo cagiye gucureha ari uko uwurongoye iyo Société Afritextile, Taruko Bashir, agiraniye ibiganiro n’abo bakozi.
VII. Umunyepolitike Jérémie Ngendakumana, hamwe n’abandi bavyipfuza gutaha nibegere ishirahamwe mpuzamakungu ry’Impunzi HCR, kugira ribereke inzira zogukoresha kugira batahuke biciye mu mategeko. Ivyo vyavuzwe mu kiganiro catanzwe na Evariste Ndayishimiye, arongoye umugambwe CNDD-FDD. Ni mu gihe yari ahejeje gutanga kuri uyu wa kabiri, dossier mu mugwi ujejwe amatora CENI. Evariste Ndayishimiye, akavuga ko icatumye Jérémie Ngendakumana adashika mu Burundi, n’ukwo atakurikije amategeko amugenga nk’impunzi.