I. Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Iteka, ririyamiriza ivyo yise ubwicanyi ndengerabutungane, vyabaye mu ntara ya Bujumbura. Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri, Ligue Iteka ivuga ko abantu barenga cumi bafashwe, hanyuma bakicwa n’abajejwe umutekano n’imbonerakure. Iryo shirahamwe riranegura kandi ihagarikwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL, bagirizwa kuba baragize uruhara mu bitero vyabaye mu ntara ya Bujumbura, mu ndwi iheze.
II. Mu nama y’umutekano yabereye I Muyira mu ntara ya Bujumbura, buramatari w’iyo ntara amenyesha ko muri rusangi umutekano umeze neza muri iyo ntara, n’aho ku ndwi iheze wahungabanye. Buramatari asaba aboba bagifise ibigwanisho kubisubiza ku neza, bitagenze ukwo uwuzofatanwa ikigwanisho, azohanwa bikomeye kuko ata n’umwe ayobewe ayo ibigwanisho vyakoreye iyo ntara.
III. Urunani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta CNARED, ruratera akamo abagize inama y’umutekano ya ONU, ku mabi ajanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu abandanya akorwa mu gihugu, abayakora nabo ntibahanwe. Mw’ikete urwo runani rwarungikiye abagize inama y’umutekano, CNARED isaba iyo nama y’umutekano ya ONU kubandanya bakurikirana ibibera mu Burundi, kugira bashobore gukinga ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, muri bino bihe bitegura amatora, no mu matora nyezina yo mu kwezi kwa gatanu.
IV. Urunani CFOR Arusha, rusaba umuhuza n’abamufasha ko bosubira kwiyumvira ingene botumako ibiganiro bihuza abarundi, kuko ibihe Uburundi burimwo bigaragara ko ata matora ashoboka. Ivyo ni ibiri mu rwandiko urwo runani rwarungikiye umuhuza mu matati y’abarundi, Yoweri Kaguta Museveni.
V. Kwanka kwakira impunzi zahungutse, zigasubira guhunga, mu makambi y’impunzi z’abarundi ari mu gihugu ca Tanzaniya, biriko bituma agateka k’abana gahungabana. Abavyeyi bimwe ubuhungiro bahitamwo gusiga abana mw’ikambi, ababatoye nabo bagafatwa nk’abatanze indaro ku bantu bataronkejwe ubuhungiro, bagaheza bakirukanwa. Ivyo vyibonekeza cane cane mw’ikambi ya Nduta.
VI. Akanyamuneza ni kose mw’ikambi ya Mulongwe. Kuva kuri uyu wa kabiri, impunzi z’abarundi zaronkejwe ibito bigera kuri bine, bazohora bavomamwo amazi meza yo gukoresha. Ayo mazi akaba yatanzwe n ishirahamwe HCR n’ishirahamwe rindi ryitaho impunzi mu karere ka Mulongwe. Izo mpunzi zikaba zahora zija kuvoma amazi ku birometero bigera kuri bine.