I. Haraheze hafi indwi, igisagara ca Rumonge kirangwamwo ubukene budasanzwe bw’amazi meza. Ababa muri ico gisagara co mu bumanuko bw’u Burundi, bafise ubwoba ko bashobora guterwa n’indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba ababijejwe gukora ibishoka vyose, kugira amazi aboneke.
II. Hari impunzi iri mw’ikambi y’i Nyarugusu izwi kw’izina rya Lameck, yacikanye kuri uyu wa kane, inyuma yo kuraswa kuri uno wa kabiri mu gitero c’abasuma bitwaje ibirwanisho. Abo basuma bakaba bashaka kwiba ku badandaza babiri baba muri iyo kambi. Ico gihe baza kwiba, bagiye barashe umukobwa w’uyo Lameck, wewe akaba yaciye acikana aho nyene. Impunzi zaho i Nyarugusu zigasaba ko ishirahamwe HCR ryokwongerereza umutekano wabo.
III. Ibihugu bikenye ni vyo bitungwa urutoke, kuba birya ibiturire biciye mu kubika amafaranga mu bihugu bimwe bimwe. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, asigura ko ivyo bikorwa bafashijwe na bamwe mu bakozi bakorera amashirahamwe asanzwe atanga imfashanyo kuri ivyo bihugu bikenye, nk’i banki y’isi. Ivyo akaba abivuze, inyuma y’aho ibanki y’isi isohoreye icegeranyo, cerekana ingene haba ubusuma bwo kunyuruza imfashanyo.
IV. Umugambwe CNL uriyamiriza abo bose bariko barahungabanya umutekano w’igihugu, mu nyuma bikitirirwa abanywanyi b’uyo mugambwe. Ivyo bivugwa n’umukuru w’uyo mugambwe, Agathon Rwasa, mu kiganiro yatanze kuri uyu wa kane, inyuma y’aho yari ahejeje gutanga dossier yiwe, mu mugwi ujejwe amatora CENI. Umugambwe CNL ugasaba yuko amatora yotegurwa neza, kugira n’abayarimwo baze bizere ibizoyavamwo.
V. Umugambwe CDP wafashe ingingo yo kuva mu runani Kira Burundi, rwari rwashinzwe ngo ruze rushikirize uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu muri 2020. Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, Sebatien Ntahongendera, akavuga ko bafashe iyo ngingo kubera ukutumvikana ukungene uwuzoserukira urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu yojaho.
VI. Ukutihanganiranira hagati y’abanyamigambwe birabandanya kwibonekeza mu ntara ya Muyinga. Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD mu gacimbiri Jani, umuntumba Jani, zone ya Bwasare, muri Komine Gasorwe, yarakomerekejwe n’abantu boba bari mu mugambwe CNL, nk’uko amakuru ava aho i Jani yabimenyesheje Radio Inzamba. Uwo yakomeretse, akaba ngo yoba yaguye mu mutego w’abantu bamutegereye, baraheza bamutema n’umupanga mu mutwe hejuru yo kw’irugu, nkuko ayo makuru avyemeza. Munyuma, bamwe mu mbonerakure baciye nabo batera abanywanyi ba CNL bakomeretsamwo batatu. Abo bakomeretse, bakaba bahavuye bajanwa kwa muganga. Ayo makuru akavuga ko abakekwa gukora ivyo vyaha, bariko baronderwa n’igipolisi, mu ntumbero yo kubashikana imbere y’ubutungane.