Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/02/2020

Publié le 28 février 2020 par Rédaction

I. Imyidogo yiriwe ari myishi kuri uyu wa gatanu, mu gisagara ca Rumonge. Ibikorwa vyose bikaba vyahagaritswe n’abajejwe intwaro muri iyo ntara, kubera urugendo rwa Evariste Ndayishimiye arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Nta munyeshure yatonze kw’ishure, abadandaza ntawuguruye iduka. Bose bategetswe kuja kwakira uwo agiye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije.

II. Amashirahamwe agera kuri cumi n’imwe adaharanira ivyicaro vya politike akorera hanze y’igihugu, aratewe umutima uhagaze no kubona mu gihe Uburundi bwimirije kuja mu matora harangwa umutekano muke mu gihugu. Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ubwicanyi vyose bikaba bituruka kw’ihonyangwa ry’amasezerano y’i Arusha. Mw’itangazo ayo mashirahamwe  yasohoye, abona ko ata matora ashobora kuba mu mwidegemvyo mu gihe ibintu vyobandanya  uko biri uyu munsi.

III. Uguhabwa akazi mu mashirahamwe yigenga yaba ayo mugihugu canke mpuzamakungu, hisunzwe amoko nk’uko vyategetswe na Reta y’u Burundi, ngo n’ingingo atari yo kandi ifise n’ingaruka mbi zitandukanye. Biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe Amnistie Internationale, ku mugabane w’akarere ka Afrika y’Ubuseruko. Seif Magango, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe muri ako karere, asaba Reta y’uBurundi kwisubirako igakuraho iyo ngingo.

IV. Abigisha 3 bo mu ntara y’indero ya Kayanza, barikekwako icaha c’ugushurashuza abana b’abigeme. Umwe muri bo, ubu ari mu minwe y’ubutungane, abandi babiri baramaze guta akazi barahunga. Umwe n’uwo kw’ishure ryisumbuye rya Gasenyi, muri komine Gahombo. Uwugira kabiri ni uwo kuri lycée communal ya Matongo. Uwugira gatatu, ari na we ubu yamaze gufatwa, ni uwo kw’ishure shingiro rya Migende, muri komine Gatara. Muri iyo ntara ya Kayanza, hakaba havugwa igitigiri c’abanyeshure b’abigeme 27, bahevye ishure mu gice ca mbere c’uwu mwaka w’ishure wa 2019, ushira uwa 2020. Ni mu gihe mu mwaka w’ishure uheze wa 2018 ushira uwa 2019, hari hatwaye inda abanyeshure 191 muri iyo ntara yose ya Kayanza, aho mbere ari yo ntara mu gihugu yaje kw’isonga y’izindi mu bitigiri vy’abigeme batwaye inda batipfuza.

V. Abasirikare b’abarundi bo muri kontinja ya 12 muri AMISOM, baridoga ko ivyo bagenewe nk’ibifungurwa, n’ibindi bikoresho vyibwa. Abavyiba bakingiwe ikibaba na bamwe mu ntwazangabo. Ivyo bituma abasirikare badaheza ngo bagumane ishaka ryo kurangura imirimo barimwo yo kugarukana amahoro aho muri Somaliya.

VI. Haravurwa ikiza ca korera mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe muri republika iharanira demokarasi ya congo. Kubura amazi hamwe no kubura cane cane utuzu twa surw’umwe, ngo yoba ariyo ntandaro y’iyo ndwara ya korera aho mw’ikambi ya Mulongwe. Umukuru w’impunzi aho I Mulongwe, agatera akamo impunzi kugwiza isuku mu kurindira ko ababijejwe babubakira utuzu twa surw’umwe turamba hamwe no kurwiza amazi. Uwurongoye Impunzi z’i Mulongwe.

Ibindi bisa n'ibi