I. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge, barangurira imirimo yabo ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Bidogera abagwizatunga b’abanyamahanga baguze amatongo aho abo banyagihugu barangurira imirimo. Ivyo bavugako bidakurikije amategeko. Bamwe muri abo banyagihugu bakaba batanguye kugirwako iterabwoba. Ubuyobozi bujejwe amatongo bukaba bumaze kwandikira buramatari, bumusaba guhagarika iryo gurishwa ry’ibibanza biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu ntara ya Rumonge.
II. Icegera c’uwurongoye urunani CFOR, ruharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, Frédéric BAMVUGINYUMVIRA ahanura umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, kutigenza nk’umukuru w’igihugu kuko atarabironkera ububasha. Ivyo abishikirije inyuma yaho kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Rumonge, ibikorwa vyose vyahagaritswe n’abajejwe intwaro kubera urugendo rwa Evariste Ndayishimiye.
III. Mu gihe ikiza Corona virus kigize iminsi ciha inkumbi mu bihugu bitari bike, ingingo zo gukinga ico kiza zarashizweho n’umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye. Uwo muyobozi mukuru w’ikibuga Emmanuel Habonimana, amenyeshako ingenzi zose ziva mu gihugu c’ubushinwa ziba zizwi, kandi uwushitse acamara imisi yashizwe ukwa wenyene, kugira abanze apimwe koatanduye ico kiza.
IV. Impunzi z’abarundi bageze muzabukuru, abagendana ubumuga co kimwe n’abapfasoni bibugenze baba mw’ikambi y’i Mulongwe, barafise ingorane zo kwivuza biturutse ku rugendo rw’ibilometero birenga 5 bagira iyo bagiye kwa muganga. Basaba ababijejwe gutorera ico kibazo umuti.
V. Mu kigabane Kw’isoko gitegurwa n’urunani rw’amaradiyo c’uno musi, tubabwira ingene abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda batunganya ibikorwa vy’ugutsimbataza akaranga.