I. Umunywanyi wa CNL wo ku musozi Bandaga, komine Matongo, yarazwi kw’izina rya Bucumi Lucien, batazira Rugamba, yaraye yishwe acumiswe imbugita, mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa mbere. Amakuru ava mu kayanza akemeza ko yishwe na mwenewabo Nsengiyumva Léonidas, uwo nawe akaba atawuzi irengero ryiwe.
II. Urunani KIRA-BURUNDI ruhurikiyemwo imigambwe RANAC, PAJUDE, hamwe na FEDES SANGIRA, rwagenye Domisiyano Ndayizeye ngo aze aruserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije. Domisiyano Ndayizeye yahoze anarongoye Uburundi, avugako hamwe abarundi bomwizera, azogarukana ukwubahiriza agateka ka zina muntu, hamwe no kunagura ubutunzi bw’igihugu. Akaba yabivuze mu kiganiro urwo runani KIRA-BURUNDI rwahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere.
III. Ilitiro 1200 z’igitoro zaranyurujwe ku musi wa gatanu uheze zigurishwa ku banye somaliya na bamwe mu ntwazangabo z’abarundi bari muri ico gihugu mu rwego Amisom. Abo bategetsi mu kwisigura bavugako igurishwa ry’ico gitoro riheza rigafasha kugura ibindi bikoresho vya nkenerwa. Bamwe mu basirikare babibonamwo ubusuma muri ino misi bariko bitegurira kugombora ama bataillon atatu ya Amisom.
IV. Bamwe mu baganga baratewe impungenge n’ingene ikiza ca ca corona virus kiriko kirakingwa mu Burundi. Aho n’inyuma yaho umwe mubanyeshure biga mu gihugu c’ubushinwa atahukiye ku munsi wa gatandatu. Inyuma y’ugusuzumwa ku kibuga c’indege akaba yaciye arekurwa arataha. Kubwa Muganga Ndayishemeze Jean Bosco, ngo mubindi bihugu baraheza bakamushira mu bwiherero bw’iminsi 14, kugira ngo babanze bamenye ko atoba yaranduye ico kiza. Muganga Ndayishemeze Jean Bosco agasaba ababijejwe gukurikiranira hafi abantu baza bavuye mu bihugu bimaze kwibonekezamwo iyo ndwara, kugira ngo ntiyinjire mu gihugu.
V. Igitigiri c’abahitanwa na Coronavirus kibandanya kwiyongera kw’isi. Muri kino gihe, ico kiza kikaba kimaze kwibonekeza mu bihugu n’intara bigera kuri 69, kikaba kimaze guhitana abantu barenga 3.000. Ibihugu vyinshi vyabaye ngombwa ko bifata ingingo zikomeye, kugira ngo birinde ko ico kiza kibandanya kwiyongera. Zimwe muri izo ngingo n’ukwo ikirangaminsi c’inkino cagiye kirahindagurika zimwe zimwe ziranahagarikwa.
VI. Urunani rw’amaradio RPA, INZAMBA, na TELEVISION RENAISSANCE, guhera kuri uyu wa mbere ruratangura urukwirikirane rw’amakuru ajanye n’indwi yahariwe umukenyezi. Indwi izoherana n’uwa munani Ntwarante. Uyu musi tukaba duhera ku buzima bw’umukenyezi mwirimizi. Urunani rw’amaradiyo rukaba rubashikana kuri umwe mu mitumba y’intara ya Gitega.