Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/03/2020

Publié le 3 mars 2020 par Rédaction

I. Ikiziga c’uwitwa Abel Gatoto, umwarimu wo kw’ishure nshingiro rya Ndoba muri komine ya Bukemba, catowe kuri uno wa kabiri kw’ibarabara rya Rutana, Gihofi ku birometero bike uvuye ku mugwa mukuru w’intara ya Rutana. Amakuru dukura mu babonye ico kiziga, avuga ko abamwishe bamuhohosheje bamumenye umutwe.

II. Abantu bagera kuri 15 nibo bagandaguwe mu ndwi iheze yo kuva kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma gushika kurya 01 Ntwarante, harakorwa n’ubundi bugizi bwa nabi. Bikaba biri mucegeranyo c’umuhari Ligue Iteka. Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, be na bamwe mu bapolisi eka n’abajejwe umutekano, akaba aribo baratungwako urutoke. Andrée Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka.

III. Igitigiri cose c’abantu bakuye mu binogo umunani kuri site ya Ruvubu, mu ntara ya Gitega bangana 7345. Vyashikirijwe na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umugwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Ivyo bisigarira vy’abantu ngo bibitswe neza mu mifuko yabigenewe, bizoheza bishingurwe mu mazu y’iratiro, Musées mu gifaransa, gurtyo abarundi bose n’abanyamahanga bamenye koko amabi yagiye araba muri kahise ku Burundi.

IV. Umuhari AC Génocide Cirimoso, ubona ko umuhari ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha, ata buhinga n’ubushobozi ufise bwo kumenya ko ibisigarira vy’abantu biriko biratorwa hirya no hino mu gihugu, ari abishwe mu mwaka 1972. Thérence Mushano, icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe, avuga ko umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wigenga, ari wo wonyene ufise ubuhinga bwo kumenya ibisigarira vy’abapfuye mu gihe iki canke kiriya. Umurwi CVR ngo ushobora kuba uriko ukorera ku makosa.

V. Abasirikare bo mu rwego rw’ibisongerezi n’abasirikare bato bato, bariyamiriza ingingo y’ukudafatwa kumwe mu bijanye n’amafaranga baronswa iyo bakukurutse, mu basanzwe biziganiriza mw’ishirahamwe INSS. Ku basirikare b’intwazangabo, amahera bahora baziganirizwa, leta ikaba yabongeye amafaranga angana ibihumbi 450. Abandi basirikare babona ko iyo ngingo ije kubacamwo imirwi, bagasaba umushikiranganji w’agateka ka zina muntu guhagarika ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo.

VI. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno munsi wa kabiri, iminsi 134 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu icira imanza mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, akaba yari Parfait Muvunyi yararongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15.  Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu umwaka uheze i Bubanza, bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera ingwano hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

VII. Mu rukwirikirane rw’amakuru ajanye n’indwi yahariwe umukenyezi mutegurirwa n’urunani rw’amaradio RPA, INZAMBA, na TELEVISION RENAISSANCE, uyu musi tugaruka ku buzima bw’umukenyezi mwirimizi.  Urunani rw’amaradiyo rukaba rubashikana kuri umwe mu mitumba igize komine Ruyigi, umukenyezi atwiganira uko yiyungunganya kugira atunge umuryango.

Ibindi bisa n'ibi