I. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye, yaraye afashe ingingo yo guhagarika ikarashishi ryahora rikorwa n’urwaruka ruhurikiye mu migambwe muri rusangi. Mu batavuga rumwe na leta, barashima iyo ngingo. Tatiano Sibomana wo mu mugambwe Uprona, avuga ko ari intambwe yatewe ariko ngo umushikiranganji yari gutomora neza ko iryo karashishi ryakorwa n’urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi rwonyene.
II. Gaston Sindimwo azoserukira umugambwe UPRONA, mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora y’umukuru w’igihugu yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020, yatanze kuri uwu wa gatatu ibisabwa mu murwi CENI ujejwe gutunganya amatora. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Gaston Sindimwo yashikirije ko mu migambi azoshira imbere, harimwo kugarukana umutekano mu gihugu, no gukura ubwoba mu banyagihugu.
III. Umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha CVR, utegerezwa gukora ku buryo haba kunywana koko mu Barundi. Aloys NIYOYITA aherutse gushikiriza ivyamubayeko vyanditswe mu gitabo “HUTSI” kivuga ku mabi afatiye ku moko yabaye mu Burundi, abonako umurwi CVR ibikorwa uriko urakora biboneka ko ukorera ku bwicanyi bwabaye mu 1972, kandi abarundi barapfuye n’imbere yaho eka n’iyindi myaka. Aloys NIYOYITA atera akamo umurwi CVR gukora akazi bashinzwe mu nzira yo kunywanisha abarundi, kurya amasezerano ya Arusha yabitegekanije.
IV. Abarundi baba mu gihugu ca Australia bariyamiriza iyugururwa ry’ ubuserukizi bw’Uburundi bita consulat muri ico gihugu, kuva muri Mukakaro umwaka wa 2019. Abo barundi bavugako bwuguruwe n’intwaro yica igatoteza abanyagihugu bayo.
V. Bamwe mu mpunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu ca Ouganda, baridoga ko bamaze igihe kirenga imyaka 2, batararonswa ivyangombwa bibaranga nk’impunzi. Ukutaronka ibibaranga bikaba bituma badashobora kuronka uburenganzira ku bintu nkenerwa nka ikarata SIM ya telephone, canke kuronka akazi n’ibindi. Ayo makuru atangwa n’izo mpunzi, akaba yemezwa kandi n’uwuzirongoye Frederic Ndayisenga. Ku bwiwe, ntibarashobora kumenya igituma izo mpapuro ndangampunzi zidatangwa. Akavuga ko babandanya gusaba ko izo mpapuro bozironsa abazikeneye kubera zifasha vyinshi.
VI. Mu rukwirikirane rw’amakuru ajanye n’indwi yahariwe umukenyezi mutegurirwa n’urunani rw’amaradio RPA, INZAMBA na TELEVISION RENAISSANCE, uyu musi tubabwira kubijanye n’abana batwara imbanyi, aho bimaze kwibonekeza ko abatari bake baca baheba ishure. Abaharanira agateka k’abakenyezi, abarezi n’abahinga mu vy’imibano, basaba Leta guhagurukira ico kibazo hagahanwa abatwaza inda abo bana, mu gihe bigaragaye ko uwayimutwaje akuze. Na yo abo bana ngo bakwiye gufashwa.