I. Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Léonce NGENDAKUMANA, akaba ari nawe azoserukira uyo mugambwe mu matora y’Umukuru w’Igihugu, yatanze dosiye yiwe mu murwi w’igihugu ujejwe amatora, CENI. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, uyo mukandida yasavye inzego zitandukanye z’igihugu gufatira kuri kahise kabi, kagiye karanga amatora mu Burundi, kugira ngo ategurwe neza.
II. Bamwe mubashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bararajwe ishinga n’umutekano muke udasiba gutwara ubuzima abarundi. Francis Rohero, umwe mu bitoza kugiti cabo, avuga ko umutekano ari kimwe mu migambi yihuta abarongozi bashasha b’Uburundi bakwiye kuzokwitaho. Ahamagarira abazotora gushira imbere imigambi yotuma ubuzima bw’abarundi buhinduka. Akaba abivuze mu gihe haherutse kugandagurwa abantu mu ntara ya Bujumbura, inyuma y’igitero cabaye mu ma komine amwe amwe y’iyo ntara.
III. Agahombo ngo gashobora kuba kenshi cane mu bijanye n’ubutunzi bw’igihugu biturutse ku mabarabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura, benshi bakunze kwita Bujumbura-Bugarama na Bujumbura-Ijenda, ubu yabomaguritse kandi ariyo acako imiduga myishi izana ibidandazwa mu gisagara. Umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, akavuga ko hamwe abajejwe ivy’amabarabara batokora ibishoboka kugira ngo ayo mabarabara asanurwe, uruhombo rwoba rwinshi ku gihugu no kubanyagihugu.
IV. Abanyeshure b’impunzi z’abarundi 19 baronkejwe impapuro za kaminuza mu gihugu c’u Rwanda mu karere ka Musanze, kuri kaminuza yitwa INES Ruhengeri. Abo banyeshure banonosoye ibisata bitandukanye harimwo ubuhinga mu bwubatsi, ubutunzi, intwaro, ubuhinga bw’inyabwonko bita computer sciences n’ibindi. Abo banyeshure 19 baronkejwe impapuro z’umutsindo baje biyongera ku bandi bari bamaze gutera iyo ntambwe, bose hamwe bakaba baharurwa mu majana atandatu.
V. Ishirahamwe HCR rifatanije n’ishirahamwe Action AID mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, baherutse kuronsa ama bourses urwaruka rwo muri site ya MULONGWE, rushaka kubandanya amashure ya kaminuza. Mu gihe iryo shure bazoryigira ku buhinga ngurukana bumenyi, abo banyeshure babibonamwo ikibazo kuko ibikoresho bisabwa kugira bakurikirane ivyo vyirwa be na internet ikwiye atavyo bafise. Bagasaba ishirahamwe HCR kubafasha mu bikenewe ayo mahirwe ntabacike.
VI. Impunzi z’abarundi bari mwikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania zaronkejwe ivuriro ririmwo ibikoresho vyo kubaga n’ishirahamwe MSF. Iryo vuriro rikaba rizoshobora kwakira abavyeyi bibungenze n’abandi bafise utuvyimba duto duto. Bamwe mu mpunzi bakaba bashima cane iryo vuriro, ariko bagasaba leta ya Tanzania kworohereza abaganga b’ishirahamwe MSF kugira ngo bashobore no kubaga n’izindi ndwara, nk’izo munda.
VII. Ku musi wa kane w’indwi yahariwe umukenyezi yatunganijwe n’urunani rw’amaradiyo RPA, Inzamba na television Renaissance, uyu musi tugaruka ku kibazo c’ukudatorana c’abakenyezi n’abigeme bo mu Burundi. Abanyagihugu baganiriye n’urunani rw’amaradiyo bamenyesha ko abakobwa canke abakenyezi ngo bakwiye gutorana co kimwe n’abahungu, ngo kuko n’abana nk’abandi mu muryango. Ngo na yo abavuga ko abo bigeme n’abakenyezi badakwiye gutorana, ngo ni ukwikunda kutagira aho gufatiye.
VIII. Mabobori Catherine yahoze ari umushingamateka, avugako ukutadatorana ku mukenyezi mu Burundi ari akarenganyo. Integuro y’itegeko rigenga ugutorana kw’abakenyezi ryemejwe n’inama nshingamateka haraheze imyaka irenga 10, ariko ngo kubera ukubura ugushaka kwa politike, ntiriraba gushika ubu itegeko. Catherine MABOBORI akibutsa ariko ko hoboneka iryo tegeko, n’abagabo ryobafasha.