Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/03/2020

Publié le 6 mars 2020 par Rédaction

I. Kuri uyu wa gatanu, niho umupfasoni Aline Ndikumana n’umwana wiwe w’imyaka 2, Junior Nganjiyimana, bitaba Sentare y’iyungururizo ya Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Pacifique Nininahazwe yatanguje umugambi wo gusaba ko umwana Nganjiyimana yorekurwa, arashima intambwe y’ubutungane kuba bwarengukishije uyo mupfasoni kandi bari bavuze ko dosiye yiwe yazimiye. Pacifique agasaba ashimitse ubutungane bw’Uburundi, ko bwohagarika akarenganyo buriko burakorera uyo mwana amaze imisi 189 ari mu gasho azira ko umuvyeyi wiwe yahunze igipolisi kiriko kiramurondera.

II. Mu ntara ya Gitega niho hazohimbarizwa kw’igenekerezo rya 08 umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.  Umushikiranganji ajejwe agateka ka muntu mu Burundi, Martin Nivyabandi, avuga ko urwo rubanza ruhuriranye n’ibihe bihambaye igihugu kigezemwo harimwo n’amatora yitezwe mu misi iri imbere. Uruhara rw’umukenyezi ngo ruzoba ari ntangere nkuko umushikiranganji yabishikirije abamenyeshamakuru.

III. Urunani CB-CPI rw’abarundi bashigikiye ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, rwasohoye icegeranyo cerekana amakosa ariko arakorwa n’ubutungane bw’Uburundi, amakosa ahonyanga agateka kazina muntu ku rugero ruteye ubwoba. Maitre Jean Marie Vianney Naraguma, ajejwe kumenyesha amakuru muri urwo runani, avuga ko ubutegetsi be n’ubutungane buriko burikika inyuma y’ubwoko, na rirya amatora yegereje.

IV. Abantu 24 barishwe, 6 baburwa irengero, nayo 56 barahagarikwa bidakurikije amategeko. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT, gisohoka buri kwezi ku mabi n’ihohoterwa rikorerwa mu Burundi. Iryo shirahamwe rigasaba leta y’Uburundi guhagarika ukutihanganiranira muri politike vyabaye ndanse, no gucungera umutekano w’abarundi bose, na cane cane muri kino gihe bimirije amatora.

V. Abagomba   guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije muri rusama, icumi nibo bashikanye ivyo basabwa mu murwi ujejwe amatora CENI. Muri bo harimwo abanyepolitike bava mu migambwe n’abatagira aho begamiye, bitoza ku giti cabo.

Ibindi bisa n'ibi