I. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Maheba, muri Zambiya, ziratekewe n’ubwoba kubera umutekano muke. Uwo mutekano muke uva ku mpunzi z’abanyarwanda ziri muri iyo kambi, zigira itera bwoba ku barundi ziririmba indirimbo zihayagiza umugambwe CDDD-FDD, zikongera zikagereranya impunzi z’abarundi n’inyenzi nkuko vyakorwa ku ntwaro ya HAVYARIMANA mu gihugu c’u Rwanda.
II. Kuba hitoje aba kandida bagera kw’icumi ntibisigura na gato ko ari ikimenyetso c’uko amatora yimirije ashingiye kuri demokarasi mu Burundi. Bisigurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR ARUSHA, ruhurikiyemwo bamwe mu banyepolitike bahunze igihugu. Uwo yanahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, avuga ko harimwo n’amahinyu ku mafaranga y’ingwati agera ku millioni 30 atawumenya iyo ava ku ba kandida bamwe bamwe. Kubwiwe ngo ayo mafaranga ashobora kuba atangwa n’ubutegetsi. Frédéric Bamvuginyumvira asaba amatohoza kugira haboneke umuco.
III. Nta terambere rirama rishoboka mu gihugu kitarimwo umutekano, abanyamitahe bo hagati mu gihugu canke abanyamahanga baratinya gukorera mu gihugu kubera ubwoba buva ku mutekano muke. Ivyo vyashikirijwe na Dieudonné Nahimana arongoye ishirahamwe New Generation, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu. Ngo abarongoye igihugu bategerezwa kunywanisha abarundi, amacakubiri n’urwanko bigahagarara.
IV. Abakenyezi b’abarundikazi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale mu gihugu ca Ouganda, babayeho mubuzima butoroshe, ntibafise uko bivuza mu gihe n’amikoro yabo atifashe neza. Mugihe buca amakungu ahimbaza umusi wahariwe umukenyezi usanzwe uhimbazwa kuwa 8 Ntwarante, ishirahamwe “Life for All” ryahisemwo kugarukira kuri abo bakenyezi, kugira babaronse agafashanyo bongere bakore ireresi kugira babasabire kubobabafasha. Umupfasoni Chantal Mutamuliza, arongoye iryo shirahamwe, aranakengurukira ababafashije kwegeranya iyo mfashanyo.
V. Ikibazo c’ibitigiri vy’abakenyezi n’abigeme mu nzego zifata ingingo mu Burundi nico dushimikirako mu kigabane Kw’isoko c’uno musi.