I. Abanyororo bo mw’ibohero rya Mpimba bagirizwa ivyaha bifitaniye isano na politike, babayeho mu gatotezo kadasanzwe bakorerwa n’abo bita aba sécurité. Niyo bagize ngo baritura abarongoye ibohero, ntaco biheza ngo bivemwo. Abanyororo bagateba bibaza ko abo basecurite boba bakora bakingiwe ikibaba na bamwe mu barongoye ibohero.
II. Inzu y’umukuru w’umugambwe CNL muri zone Mukerwa, iri muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo, Emmanuel Coyitungiye yaratewe n’abagizi ba nabi mu mpera z’indwi iheze. Iyo nzu yaraturiwe ; ibikoresho bitari bike vyo mu nzu birasahurwa. Uwo muyobozi w’umugambwe ngo yoba yahowe ivyiyumviro vyiwe vya politike. Abamuteye ngo boba banamwagiriza uburozi.
III. Nyuma y’imyaka 6 abanywanyi b’umugambwe MSD baturatujwe n’ubutegetsi, ku wa 08 Ntwarante umwaka wa 2014, umugambwe MSD wasohoye itangazo aho uvuga ko wifadikanije n’abanywanyi bawo hamwe n’inzirakarengane nyinshi zifungiwe mu busho butandukanye, hamwe n’abarundi benshi bari mu buhungiro, inyuma y’iyo tariki yu 08 Ntwarante n’inyuma y’urwimo rwo mu 2015. Nk’uko bivugwa na François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, ngo ni mu rwego rw’iterabwoba n’amakuba akomeye ubutegetsi bw’Uburundi buvuga ko bwateguye amatora yizewe muri kwa gatanu 2020. Agahamagarira abarundi kudashigikira ayo matora.
IV. Kuri uyu wa 8 Ntwarante, imyaka ine yaraheze uwahoze ari umukuru w’umugambwe NADEBU, Hugo HARAMATEGEKO anyurujwe, n’ubu umuryango wiwe uguma usaba ubutungane kumenyesha uwabo aho yajanywe. Aho ni mu gihe bizwi ko Hugo Haramategeko yakuwe muhira iwe n’inzego z’umutekano mu gitondo agira aje ku kazi.
V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno wa mbere iminsi 140 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza bakaba bari Parfait Muvunyi yari arongoye intahe, Ihuwitonze Eric, hamwe na Kaneza Clarisse asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu umwaka uheze i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
VI. Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 9 Ntwarante, niho Uburundi bwahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 8. Mu muhari MAP Burundi, mw’itangazo washize ahabona kuri uyu wa mbere, bavuga ko bababazwa no kubona abakenyezi n’abigeme bama bariko barahohoterwa mu Burundi n’abajejwe kubakingira. Liberat Ntibashirakandi, avugira uyo muhari, agasaba ko abakenyezi b’abarundi bo mu gihugu hagati bakwiye gufatwa mu mugongo mu migambi yabo kugira bashobore nabo guteza imbere igihugu.
VII. Abahora bakora urudandazwa rw’amahera y’agaciro ku mupaka w’i Kobero ugabura igihugu c’Uburundi na Tanzaniya, baridogera uwurongoye iperereza mu ntara ya Muyinga. Abo bahora bakora urudandazwa rw’amafaranga, bababazwa n’itotezwa abagirira mu kubasahura amafaranga atagira ukwo angana, ata tegeko na rimwe aberetse baba barenze.
VIII. Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Jean Marie NIYOKINDI aragabisha abadandaza bose bazimba canke banyegeza isukari, ko ibihano vyatanguye gushirwa mungiro. Yabishikirije kuri uyu wa mbere, imbere y’abamenyeshamakuru, mu kiganiro yaremesheje ku vyerekeye ibiciro n’ikena vy’isukari y’ihinguriro SOSUMO.