Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/03/2020

Publié le 11 mars 2020 par Rédaction

I. Ingoro y’umugambwe CNL muri segiteri ya KABURANTWA, muri komine ya BUGANDA, mu ntara ya CIBITOKE, yaraye isibanganijwe. Ivyandiko n’ibimenyetso vy’umugambwe CNL vyari kuri iyo nyubakwa vyarafuswe. Igipolisi kikaba kiza cahagaritse uwurongoye IMBONERAKURE muri iyo segiteri, nk’umwe mu bakekwa kubomora no gusibanganya iyo ngoro.

II. Ishirahamwe CIVICUS ryitaho kwigisha abanyagihugu n’amashirahamwe yigenga, ryifadikanije n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo mu Burundi, baratera akamo amakungu gukurikiranira hafi umutekano w’Uburundi muri ibi bihe bwimirije amatora. Uburorero bumwe bumwe bw’abanyurujwe nibwo batanga mu gutera ako kamo, ni nk’abagabo 4 bahagaritswe mu kwezi kwambere guheze, n’ubu atawuzi irengero ryabo. Bakaba bateye ako kamo mu gihe hariko haraba inama igira iya 43, y’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wa ONU, ahanashikirijwe icegeranyo c’umugwi ugira amatohoza ku Burundi.

III. Umugambwe MSD urashima igikorwa c’umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku mabi akorwa mu Burundi. Ngo yamara amakungu ntiyosamazwa n’amatora, ngo vyitwa ko ariko arategurwa, kuko ashobora gukwega akarambaraye. ONU rero ngo ntiyarikwiye kubandanya irorera amabi ariko arakorwa, kuko ibishikirizwa mu vyegeranyo ata muntu n’umwe atabibona. Epitace Nshimirimana avugira umugambwe MSD.

IV. Mwarabikwirikiye mu makuru yacu yo ku musi w’ejo wa kabiri, abantu 12 barafungiwe mu ma bohero ya komisariya ya komine Matana na Bururi kuva ku magenekerezo ya 27 Ruhuhuma no kuwa 07 Ntwarante 2020. Bafunzwe bagirizwa kuba baragize uruhara mu bwicanyi, bwagiriwe umwe mu mbonerakure yitwa Eric Niyongabo. Ubwa mbere bose bagifatwa bafungiwe muri komisariya ya Matana, imbere y’ukwo 6 muri bo bajanwa gufungirwa muri komisariya ya Bururi. Gushika isaha icumi zo kuri uyu wa gatatu, abo bantu ntibari bwunguruzwe mw’ibohero canke ngo babarekure mu gihe imisi 14 itegekanywa n’amategeko iherana n’uyu wa gatatu. 

V. Nta munyororo n’umwe ashobora guhanwa hatisunzwe amategeko y’igihugu canke ay’ibohero, abanza kumenyeshwa icaha yakoze kandi akaronswa umwanya wo kwiregura. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi. Ni mu gihe abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bagirizwa ivyaha bifitaniye isano na politike, babayeho mu gatotezo kadasanzwe bakorerwa n’abo bita aba securite. Kubwa Jean Claude Ntiburumunsi, umunyororo wese afise uburenganzira bw’ukubahirizwa nk’ikiremwa muntu.

VI. Domitiano Ndayizeye, umwe mubaraye bankiwe guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu, avuga ko buca yitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, kuri iyo ngingo yaraye ifashwe n’umugwi CENI ujejwe amatora. Uyo mu kandida w’urunani Kira Burundi, avuga ko imvo y’uko atakwije abantu 200 basabwa kumushigikira idafashe, we yemeza ko yari yatanze ama dosiye agera ku 208.

VII. Umugwi utunganya amatora CENI ntiwatanze ikiringo gikwiye kugira abegeranya ama dosiye yabo bayegeranye. Ivyo n’ibishikirizwa na Jacques Bigirimana, arongoye umugambwe FNL, inyuma y’aho yaraye yankiwe n’umugwi CENI kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Jacques Bigirimana, akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho yamenyesheje ko bituye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Jacques Bigirimana agasa n’uwicuza ko yaguye inyuma ubutegetsi mu bihe bigoye, ariko bikaba bibaye impfagusa.

VIII. Igiciro c’akagunguru k’igitoro bita Baril, giherutse kugabanuka kiva ku mafaranga 50 y’amadorari kaja kuri 33 kw’isoko mpuzamakungu. Iryo gabanuka ry’igiciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu ryari rikwiye kuba no mu Burundi ku giciro c’igitoro. Uyo n’umwihwezo w’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana. Ku bwiwe, imvo zituma igiciro c’igitoro kidahinduka n’ukwo abandadaza bashaka kwikika mu kiza, mu kurondera inyungu zabo hamwe na leta iba yagumye iduza ama tagisi kubarangura ico gitoro.

Ibindi bisa n'ibi